IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igitigiri c’abafungura nabi cunyuwe n’intambara

Igitigiri c’abafungura nabi cunyuwe n’intambara

samedi 19 Ndamukiza 2014

Inyuma y’aho hadukiye intambara mu Burundi, ikibazo co gufungura nabi carimonogoje mu Burundi, ku buryo abantu bashika 73 kw’ijana aribo bafungura nabi.

Nk’uko umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe ivy’ugufungura abivuga, amatohozwa yakozwe mu gihugu cose mu mwaka w’2010, yarerekanye ko abarundi batari bake bafungura nabi. Muganga Evelyne Ngomirakiza avuga ko gufungura nabi bituma umuntu agira amagara mabi, umuntu akarwaragurika. Ico kigo rero kikaba cashizweho mu mwaka w’2009 n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, kugira hatorerwe umuti ingorane z’ugufungura nabi.

Mukamenya ko kubera ingorane z’ikigoyi ziri mu Burundi, abantu basegerereza barwiriye mu gihugu cose, aho mu bisagara ho usanga biteye ubwoba, kuko yaba abana bakiri bato, abariko barakura, inkumi n’imwe mu misore, abagore, abagabo hamwe n’abageze mu zabukuru, usanga bose bagenda barasabiririza.


Aristide Nizigire

Messages

  • nyakubahwamuganga.ivyarivyovyose.mwarihenze.muguharura.abobantubafunguranabi.ivyobitigiribirarenga.erengantakindibivako!nintwarombi,itigezeyitaho,abanyaigihugu.ayonamatohozamwagizekubafunguranabi.uzokwegereabarwizatunganabo.bakubwire.ibitigirivyabagwizatunga.bahovye,muriyimyaka.10iheze.wibazangobivahandi.intwarombi.yokutitaho.anyagihugu.abantubatobato.ariko,iyamatorayegereje.bacabatangurakwegera.abanyagihuGu.nokumenyesha.ahohantu.abanyeporitike.batahikebukiye.abagandagurikakubwinzarabobo.bitegure.iyontwarontakigenda.iconsabimana.imanidufashe.2015.iyontwaro.ihinduke.uzobukozeman

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.