Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abadafise akazi muri Espagne bongerekanye
Abadafise akazi muri Espagne bongerekanye
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Igitigiri c’abantu badafise akazi mu gihugu ca Espagne kimaze kurenga ibice 27 kw’ijana vy’abari mu rugero rwo gukora, mu gihe ico gihugu kiriko kiragerageza guteza imbere ubutunzi bwaco.
Ubu mu gihugu hose haharurwa abashomeri bagera kuri miliyoni 6,ivyo biharuro vyakozwe ku mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2013. Abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Espagne baravuga ko ico ari ikimenyetso ko ico gihugu bikigoye mu mugambi waco wo kuduza ubutunzi bwaco bwasubiriye inyuma haheze imyaka itanu.
Abanyagihugu barashavuriye cane Leta ya Espagne kubera umugambi wayo wo gutubika umukanda abatavuga rumwe na Leta bavuga ko watumye ibintu birushirizaho kwunyuka.
Egide Nduwimana