Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitoro «Essence» casubiriye kuba umuzi w’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Igitoro «Essence» casubiriye kuba umuzi w’ibuye

Igitoro «Essence» casubiriye kuba umuzi w’ibuye

vendredi 6 Rusama 2016, par egide

Amasitasiyo abiri gusa niyo yadandaje igitoro co mu bwoko bwa Essence mu gisagara cose ca Bujumbura, bitewe n’ubukene bw’ico gitoro bwibonekeza kuva mu ntango y’iyi ndwi turiko turarangiza. Abaguzi baridoga ko batakaza umwanya munini batondeye ico gitoro, bagasaba ababijejwe ko botora umuti w’ico kibazo.

Abo baguzi twasanze aho bariko barondera ico gitoro bamenyesheje ko kugira bashobore kuronka, ari uko baraza imiduga ku masitasiyo, canke bakazinduka mu gatondo ka kare cane, n’aho nyene amahirwe y’ukuronka ntabe ari menshi. Mu gihe muri abo baguzi harimwo abakoresha imiduga yunguruza abantu n’ibintu mu guca amahera, bamenyesha ko batakaza umwanya munini batondeye ico gitoro.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji bamenyesha ko igitoro gihari mu bubiko, ariko kikaba kitaboneka kw’isoko y’urudandazwa. Abaguzi bagasaba ko ubwo bushikiranganji bwotorera inyishu ico kibazo, igitoro gihari bakironswe bitagoranye, kidahari naho bimenyeshwe ku mugaragaro.


IGIHE

Messages

  • Poleni wananchi serikali ifanye jitihada.cheers keep afrika hope!

  • Poleni wananchi serikali ifanye jitihada.cheers keep afrika hope!

  • Poleni wananchi serikali ifanye jitihada.cheers keep afrika hope!

  • Poleni wananchi serikali ifanye jitihada.cheers keep afrika hope!

  • NIMURINDIRE BUCA KABIRI NUMUNYU UBE IZAHABU,AKAJE KAZIRA TWESE,NTAMWAVUZE KO MWISHOBOYE,REKA NKURUMBI NAKARWI KIWE BAMERERWE NEZA NAMWE MUPFE MUNOBA AMAKOPO NIVYO MWASHATSE.

  • BASHA ABARUNDI TUGIYE GUPFA RUBI IGITORO NTAMWAKA KITABURA MUBURUND. MISI YOSE MUKWAGATANU TURABIMENYEREYE

  • kubitamumutwe akokagabogasubiziyongomakivyabeneburundi

  • nivyigitoro birimwo prituke c abadede natwe reta niduhe natwe imitahe tudandaze ibitoro kandi igenzure amastasion yose ko batanyegeza ibitoro ababinyegeza bace babakura kurutonde rwabadandaza ibitoro turazi ko abadadaji bibitoro ari abakera murabaneza nti tugume tunirwa nabo bakeba bifuza ko tuja murambarigo yibitoro twoba tugowe reta yacu nihabere maso nti turwe mumitego yabansi ba demmokrasi

  • NIBAMENYE UKO BIFATA BOYE GUTA URURIMI KUKO BARAZI KO AMAKUNGU YATUGUZE N’ABATUTSI MU KUDUFATIRA IBIHANO VY’UBUJUJU.NI BAKIGUMYE IMANA IRATUBONA,NA KARE BIBONEKA KO BATADUFASHA BIVUYE KU MUTIMA.

  • EW BURUNDI URAHANZW ARIKO TUREM YESU ARATUBONA NTAWOKWIHEBURA

  • NOSABA PEREZIDA NKURUNZIZA NAFASHE ABARUNDIKIKIBAZOCIGITORO.NKUKO AHORATERAKAMO KUBINDI BIGASHOBOKA NATERAKAMO NUBUTURITEZEKOBISHOBOKA. MURAKOZE.

  • Ako Igihugucabibarutse Nicomurikomufatanabigutyo?

  • Barundi barundikazi turabaremeshej ko ububiko bwigitoro buruzuy igitoro kandi kuriyabeyi nyene ariko tubasabe kutarwa mumutego WA cnared Ngo muhandwe kururimi ibirenge bihari abansi ba democraticie nibenshi ariko abakunzi ninzovu ico mwomenya uulusia ubushinwa bigungahaye kuri peteroli na gaz nibindi byinshi biyikomokako nabyo ntagihugu cobibuza kuduha igitoro gihari kwisi kand noneho ikibitumy nuko turi mumugambi wogukoresha iciwacu tutaguz umubyeyi wacu se barundi arko arabitunganya be nincut zacu ubulusia nubu chine byose bigiy guhera murakoze.

  • turakeje reta kuriyo ningo yafatiye abadandaza ibitoro bisamburirako nkimpene bashaka kunigira mumeshi reta yitorewe na banyagihugu ni mubihe abakunda igihugu nama stasiyo muyabake bishima ngo nuko bafise amahera ntamwaka udakurinkumi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.