Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitoro kibandanya kubura mu ntara zitandukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igitoro kibandanya kubura mu ntara zitandukanye

Igitoro kibandanya kubura mu ntara zitandukanye

lundi 20 Ndamukiza 2015

Igitoro kibandanya kubura mu ntara zitandukanye z’igihugu, aho bamwe basigaye baja kukirangurira mu bihugu duhana imbibe, bagaca bakidandaza mu buryo bwa magendo.

Mu ntara ya Muyinga, igitoro ntikiraboneka, abanyagihugu bakaba baja kukirangurira mu gihugu ca Tanzaniyaku mafaranga 1950, bagaca bakidandariza mw’isoko y’i Muyinga, ku mafaranga 2500. Igiporisi kijejwe kurwanya impanuka, kikaba carafashe amabido atanu y’igitoro, aho ico giporisi kivuga ko, ico gitoro ca magendo gishobora gutera impanuka mu masoko, mu gihe abatari bake, basigaye bakidandariza mu minwe.

Iryo bura ry’igitoro rero risa n’iryabaye akananira bahinga mu Burundi, rikaba ryatumye mbere no mu ntara ya Kayanza, bamwe mu banyagihugu basigaye baja ku kigurira i Butare mu gihugu c’Urwanda, abo mu ntara ya Rumonge nabo, bikavugwa ko bajabuka Tanganyika, bagiye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kukigura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.