Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ihayanishwa ry’ibidandazwa vy’u Rwanda mu Burundi
Ihayanishwa ry’ibidandazwa vy’u Rwanda mu Burundi
dimanche 10 Ntwarante 2013
Ibicuruzwa vyo mu Rwanda bigiye kugurishirizwa ino muburundi, akaba ari mu ntumbero yo gutsimbataza no gutezimbere ubucuruzi muri ivyo bihungu ukwari bibiri.
Iryo hayanishwa ryiswe “Rwanda Business Week’’, ryateguwe n’Ikigo c’u Rwanda c’Iterambere (RDB) mu bufatanye na Ambasade y’u Rwanda mu Burundi n’ishirahamwe ryabacuruzi nabaguzi mu Burundi, iryo hayanishwa rizobera hano I Bujumbura itariki 22 kugera 25 twarante 2013 mu kigo ndagakaranga ‘’ musée vivant’’
"Rwanda Business Week" izoha amahirwe mashasha abandandaza,abaranguza, abashinzwe gukwiragiza ibindadazwa mumasoko ya kijambere(super marché) bo mu Burundi kugira imigenderanire iri hagati yivyo bihugu irushirizeho gusumba, kuko bose bazogira uruhara muguhuza ivyiyumviro kuvyiza vyo gushira hamwe mubihugu bigize umuryango w’ Africa y’ ubuseruko
Iryo hayanishwa rizokwitabwa n’ ibigo vyubucuruzi bigera kuri 40 vyo murwanda bikora ibintu bitandukanye, birimwo ibiribwa, ibinyobwa, ibikoresho vy’ubwubatsi, nibijanye nubuhinga bwa none.
Alice-Anny Akingabiye