Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese i (...)

Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese i Bujumbura

mardi 1er Gitugutu 2013

Ihayanishwa ry’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese i Bujumbura. Ni irya mbere ribaye mu Burundi. Ryuguruwe icese n’intumwa isazwe inunganira umushikiranganji ashinzwe ivyerekeye gutumatumanako amakuru hamwe n’ubuhinga bwa none. Ihayanishwa rigiye kumara indwi yose.

Ihayanishwa rya mbere ry’ubuhinga bwa none ryuguruwe icese i Bujumbura. Uwusahiriza umushikiranganji w’itumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka, umushingantahe Evode Ndayizigiye niwe yuguruye icese iryo hayanishwa. Mw’ijambo ryiwe ry’ibirori vyo kwugurura iryo hayanishwa yamenyesheje ko ari imboneka rimwe ihayanishwa nkiryo riba mu Burundi. Akaba yahamagariye urwaruka kudatangwa kuzokwitaba iryo hayanishwa kugira baratire ijisho aho ubwo buhinga bugeze mu Burundi. Gutyo nabo barwize ishaka n’ibikorwa vyo guteza imbere ico gisata c’ubuhinga bwa none mu Burundi.

Iryo hayanishwa rigiye kumara indwi ribera mu nyubakwa za Palais des Arts ryitabwe n’amashirahamwe atari make akorera mu gisata c’ubuhinga bwa none mu Burundi. Aho twotanga uburorero nk’ amashirahamwe adandaza imihora ya terefone, ayadandaza ubuhinga ngurukanabumenyi n’ayandi menshi adandaza ibijanye ubuhinga bwa none butandukanye. Ayo yose yakoranye kugira yerekane ubuhinga baronsa ababizeye bakaba abanywanyi babo.

Inyuma yo kugendura ibibanza bitari bike muri iryo hayanishwa, Evode Ndayizigiye yamenyesheje ko kw’izina ry’ubushikiranganji yaserukiye, ashimye cane iryo hayanishwa. Yamenyesheje ndetse ko batanguye gushima uwo mugambi ukiri iciyumviro haraheze amazi abiri. Aho ni igihe amashirahamwe abiri, Academia Network hamwe na Glice Burundi yamenyesha ubushikiranganji bujejwe ivy’ubuhinga bwa none uwo mugambi. Evode Ndayizigiye ati: “Turatangaye no kubona hari ubuhinga bwa none dusanze hano tutari tuziko bubaho. Kandi kubona abasigura ku bibanza ari urwaruka vyaduhaye ishusho ryiza rya kazoza k’ubuhinga bwa none mu Burundi”. Yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko ayo mashirahamwe akorera mu vyerekeye ubuhinga bwa none agiye kworoherwa n’itangura ry’ikoreshwa ry’umuhora wa “internet” ukoresheje “fibre optique”.

JPEG - 55.1 ko
Léonard Rumonge, umuyoboze w’ishirahamwe Academia Network

Intumbero yiryo hayanishwa ry’ubuhinga bwa none niyo gutanga akaryo ko guhura ku mashirahamwe akorera muvyerekeye ubuhinga bwa none. Iyindi ntumbero akaba ari iyo kwereka abarundi, abize n’abatize, ubuhinga bwa none buri mu Burundi, n’ico bushobora gufasha mu buzima bw’umurundi. Iyindi ntumbero ya nyuma ni iyo guhamagarira urwaruka kwitaho ubwo buhinga kugira banabuteze imbere. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Léonard Rumonge, umuyobozi w’ishirahamwe Academia Network, hamwe na Roger Ouedraogo arongoye Glice Burundi, aribo batunganije iryo hayanishwa.

Mwomenya ko iryo hayanishwa ryatanguye kuri uyu wa 1 Gitugutu rizorangira kw’igenekerezo ry’7 Gitugutu 2013. Rikaba ribera mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa za Palais des Arts bahoze bita Province.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.