Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa ku baririmvyi bo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ihiganwa ku baririmvyi bo mu Burundi

Ihiganwa ku baririmvyi bo mu Burundi

dimanche 17 Munyonyo 2013

Sky Music Studio iriko itegura ihiganwa ku baririmvyi babarundi. Akimana Espoir azwi kw’izina rya Akes asazwe ariwe ahinyanyura indirimbo muri iyo studio, ni nawe yateguye iryo higanwa.

Avuga ko higanwa rizohuza abaririmvyi mirongo itatu(30) b’abarundi bavyipfuza. Kugira umuririmvyi yemererwe kuja muri irwo higanwa, abanza kwiyandikisha. Mu kwiyandikisha asabwa amahera y’amarundi 20.000. Uwuzokwiyandikisha wese azoba aronse uburenganzira bwo gukorerwa indirimbo imwe na Sky Music Studio, iyo nyene azoba yatwaye mw’ihiganwa, kuko abaririmvyi bazohiganisha indirimbo nshasha. Muri abo baririmvyi 30, bazoba bariko bahiganwa n’indirimbo nshasha, uwa mbere azoronka agashimwe k’indirimbo 3 zizoca zikorerwa amasamu na Sky Music Studio, uwa kabiri indirimbo 2. Abasigaye ururirimbo rumwe rumwe.

Umurwi uzofatwa nk’umuntu umwe. Ihiganwa rizotangura kwiyandisha biheze n’amajwi yaheze gukorwa. Ku bijanye n’intumbero y’iryo higanwa, Akes amenyesha ko ari ugufasha abaririmvyi cane cane babishoboye ariko bakabura uburyo bwo gushikana indirimbo zabo mu mazu azihinyanyura, ni mu ntumbero kandi yo kumenyekanisha ibikowa vya Sky Music Studio. Abandanya avuga ko kumenyekanisha Sky Music Studio bagabanije ibiciro kuko kare ururirimbo rumwe bahora barukora kuyarenga ayo 20.000 vy’amarundi. Abandanya amenyesha ko hasigaye ibibazanza 12 vyokwiyandikishamwo. Bamwe mu bamaze kwiyandikisha harimwo: Mck Mapozi,Kachala,Saint,Tijo-k,Older Boyz,…

Sky Music Studio iri ku Mutakura, ibarabra ry’umunani (8eme Av) mu gisagara ca Bujumbura. Yabayeho ku ciyumviro ca Akimana Espoir ubu afise imyaka 20, niwe yirondereye uburyo bwo kugura ivyuma, kandi kubera yagiye ararahura ubwenge mu bandi, ntawamwigishije gukora imiziki. Sky Music Studio itanguye gukora vuba cane ari Akes wenyene ayikoramwo ubu ari kumwe na Tichamo kandi baramaze gukora indirimbo n’amasanamu bitari bike. Amenyesha ko bakira abaririmvyi batari bake ku munsi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.