Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca kabiri rigiye gutangura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca kabiri rigiye gutangura

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca kabiri rigiye gutangura

vendredi 11 Nzero 2013

Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’u Burundi Lydia Nsekera ari kumwe n’uwurongoye umurwi wo gukurikirana amahiganwa Yussuf Mossi,baratunganije inama kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Nzero 2013 ku barongoye imirwi,baboneyeho akaryo ko gutora uko imirwi izohura.

Nk’uko vyashikirijwe na Lydia Nsekera,iryo higanwa rizoba rigizwe n’ibice bibiri, inkino z’intango n’inkino zo gusubiriza ibitandukanye n’ivyabaye mu mwaka uheze kuko habaye ibice bitatu. Kuri ivyo bice bibiri hazokwiyongerako inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu.Iryo higanwa rikaba ritegekanywa kurangira mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro kugira igihugu kizoserukirwe mu mahiganwa yo gukurakuranamwo y’abakinyi badashikana imyaka 17.

Lydia Nsekera na Yussuf Mossi baragarutse cane kw’itegeko rigenga ihiganwa ryahindutse.Nayo ku bijanye n’imirwi, umurwi wose uzotanga urutonde rw’abakinyi 30 mu gihe bahora batanga abakinyi 25,ikarata karangamuntu y’umukinyi,umurwi umukinyi yavuyemwo,itariki yemereweko kuja mu murwi,amazina y’imirwi ine umukinyi yaciyemwo imbere yuko ashika mu murwi akinamwo,n’urupapuro rwerekana uko amagara yiwe yifashe.

Igihe rero hazoba habaye icotuma imirwi ikina ku mwanya umwe,urukino ruzoba ku bibuga bitandukanye,mu gihe naho hazoba haguye imvura nyinshi canke ikibuga kitameze neza bigatuma urukino ruhagarara umwanya wategekanijwe utarahera,umwanya uzoba usigaye uzokinwa mu masaha 24 akurikira kuri ca kibuga nyene n’urutonde rutahindutse.

Abari baserukiye imirwi 8 yitavye muri iyo nama baciye batora uko imirwi izohura.
Twobamenyeshako iryo higanwa ry’umupira w’amaguru mu cicero ca kabiri rizotangura kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2013 azoba ari ku munsi wa gatatu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.