Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere rirabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere rirabandanya

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere rirabandanya

samedi 12 Nzero 2013

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere rirasubira gutangura kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero 2013 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura.

Inyuma y’igihe cari giheze ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere ryarahagaze kubera abakinyi bakina mu mirwi yo mu gihugu bariko bitegurira urukino rwo gusubiriza rwahuza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba na Harambe Stars wo muri Kenya,kuri uno munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero 2013 iryo higanwa rirasubira gutangura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Mu nkino zitegekanijwe uno munsi rero zikaba ari inkino zikomeye kuko ziza guhuza imirwi y’ibihangange.Igihe c’isaha munani umurwi Lydia Ludic Burundi uheruka gutwara igikombe c’umukuru w’igihugu uza gutana mu mitwe n’umurwi Le Messager FC, mu gihe isaha cumi haza guca uwambaye hagati y’umurwi Vital’o na Athletico.

Tubibutse ko uno munsi nyene mu gihugu hagati inkino ziza kubandanya,i Muramvya umurwi Royal FC itana mu mitwe n’umurwi Academie Tchite mu gihe umurwi mu Gatumba umurwi Espoir wakira umurwi wa Muzinga.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.