Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa rya CECAFA "Kagame CUP" rigiye gutangura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ihiganwa rya CECAFA "Kagame CUP" rigiye gutangura

Ihiganwa rya CECAFA "Kagame CUP" rigiye gutangura

samedi 15 Ruheshi 2013

Irushanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu karere ka Africa y’ubuseruko rizwi kw’izina CECAFA rizotangura kuwa kabiri i Darfur mu buseruko bwa Sudani. Izo nkino zizotangura igenekerezo rya 18 Mukakaro zirangire kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2013. Imirwi ishika kuri 11 iva mu bihugu indwi niyo izokwitaba izo nkino.

Mu nyuma y’aho imirwi yo muri Tanzaniya, Yanga Africans na Simba Sports Club ndetse na Tusker yivanye muri iri higanwa ku mvo z’uko batizeye umutekano wo muri Darfur aho iryo higanwa rizobera, n’umurwi wa St Georges wo muri Ethiopia, washikirijeko utazoshobora kwitaba iri higanwa kuko ukiri mw’ihiganwa rya CAF confederetion Cup.

Iyo mirwi itazokwitaba ihiganwa ikaba yasubirijwe iyindi harimo umurwi wa Rayon Sports wo mu Rwanda, Elect Sports yo muri Tchad na Uganda Revenue yo muri Uganda.

Urutonde rw’imirwi izohiganwa kw’itsinda rimwe rimwe

Itsinda A rigizwe na:

Elman FC (Somalia)
El Marreikh (Soudan)
APR FC (Rwanda)
Vital’o (Burundi)

Itsinda B rigizwe na :

Express FC (Uganda)
Rayon Sports (Rwanda)
Elect Sport (Tchad)
Ports FC (Djibouti)

Itsinda C rigizwe na:

Al Ahly Shandi (South Soudan)
Al-Hilal Kadugli (Soudan)
URA FC (Uganda)

Yanga Africans yari ifise igikombe co mu mwaka w’2012 ntizoboneka muri iryo higanwa uyu mwaka naho ku munsi w’ejo inama shingamateka ya Tanzaniya yari yavuze y’uko umutekano uhari atacobuza imirwi yabo kwitaba iri higanwa.

Umurwi wa Yanga Africans niwo wonyene wakoze igikorwa co kuza kwereka igikombe batwaye muri iryo higanwa uwusanzwe ariwe afata mu mugongo iryo higanwa, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, aho atanga ibihumbi mirongo itandatu vy’amadorali ku mwaka.

Uyu mwaka kuri aya mahera asanzwe atangwa haziyongerako ibihumbi 20 vy’amadorali yatanzwe na Mwangi wo muri Tanzaniya ayo akaziyongera ku gahembo k‘uyu mwaka.

Twibutse ko iki gikombe catanguye guhiganirwa kuva mu mwaka w’1967, umurwi umaze gutwara ibikombe vyinshi ni Simba yo muri Tanzania yagitwaye incuro 6.

APR FC yo mu Rwanda imaze gutwara iki gikombe incuro 2 (2004, 2007), Rayon Sports yagitwaye rimwe (1998) na ATRACO yagitwaye mu mwaka w’2009.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.