Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa rya Primusic mu Ruyigi n’Igitega - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ihiganwa rya Primusic mu Ruyigi n’Igitega

Ihiganwa rya Primusic mu Ruyigi n’Igitega

lundi 5 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya Primusic ririko rihuza intara zose ririko rirabandanya. Ku mpera z’iyi ndwi turangije, ihiganwa ryariko ribera mu ntara za Ruyigi, Gitega na Muramvya. Ivyo biteramo bikaba vyitabwe n’abantu isinzi muri izo ntara zose.

Ku wa gatanu rya 2 Myandagaro 2013, ihiganwa ryabereye mu ntara ya Ruyigi aho habanje gutorwa abaririmvyi icumi muri 22 bari biyandikishije muri iyo ntara, icumi batowe babaye: Kanyamuneza Ariane, Uwamahoro Landry, Irakoze Siméon, Mugisha Alexis, Nahishakiye Anaclet, Barutwanayo Jean Berchmans, Hakizimana Jean Claude, Bishirumuhirwa Hugues, Ntigirinzigo Redecance na Ntiruvakure Abel.
Muri abo, icumi baririmvye mu giteramo imbere y’abantu benshi bari bitavye ico giteramo cabereye ku kibuga c’inkino c’intara ya Ruyigi. Hakaba hatowemwo babiri bazoserukira iyo ntara. Uwa mbere yabaye umwigeme yitwa Kanyamuneza Ariane ,uwa kabiri aba Alex Mugisha. Inyuma y’ico giteramo, Sat-B na Rally Joe baciye bateramisha abari ngaho.

Mu nyuma, iryo higanwa ryaciye ribandaniriza mu ntara ya Gitega, aho naho nyene, hatowemwo abazoserukira abandi muri iryo higanwa batatu, mu gihe hari hiyandikishije abashika kuri 25. Abatowe ni Delos Nihorimbere, Mugisha Jean Junior, Yvannie Tunganirwa. inyuma y’itorwa ryabazoserukira iyo ntara ya Gitega, abagitunganije ihiganwa barabajijwe igituma hari intara hatorwa babiri, izindi hagatorwa batatu? Kuri ico kibazo, bishuye mu majambo make kandi badudurirako, ko bivana n’ubunini bw’intara co kimwe n’amateka baba bafise mu kuririmba. Tworangiza tubibutsa ko iyo ntara ya Gitega ariyo izakira igice gishira icanyuma c’ihiganwa.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.