Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa rya zone 5 : Imirwi yo mu Burundi ntiriko ivyifatamwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Ihiganwa rya zone 5 : Imirwi yo mu Burundi ntiriko ivyifatamwo (...)

Ihiganwa rya zone 5 : Imirwi yo mu Burundi ntiriko ivyifatamwo neza

mardi 6 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya zone 5 ririko riraba ukuri kwamye i Bujumbura. Inyuma y’iyugururwa ry’iryo higanwa icese kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Myandagaro 2013 isaha cumi n’umwe y’umugoroba n’umukuru ishirahamwe ry’urukino rwa basketball mu Burundi (FEBABU), Hermani Ndayisaba hamwe n’icegera c’umukuru w’ihiganwa rya zone 5 akaba asanzwe ari n’umukuru w’ishirahamwe rya basketball mu gihugu ca Ouganda Ambrose, ikiboneka n’uko muri rusangi imirwi yo mu Burundi itariko ivyifatamwo neza.

Urukino rwari rurindiriwe cane rwahuza umurwi New stars uhura n’umurwi w’abaganda Warriors. Ariko rero mu gihe ku musi w’ejo bariko barakina harabaye akagorane k’umuyagankuba imbere y’igice ca mbere, bica bituma abari baje kurorera urwo rukino bataha bamwe bamwe, mu gihe iyo mirwi yasubiye gukina nk’igihe c’isaha zibiri zo mw’ijoro, umuyagankuba ugarutse, ruca rurangira ku ntsinzi ya Warriors yo mu gihugu ca Uganda watsinze ku manota 73 ku manota 69 ya New stars.

Uwo murwi ukaba ubaye uwa 3 wo mu Burundi utsindiwe mw’ihiganwa, inyuma y’Urunani na Berco stars.

Ariko rero, umurwi w’urunani, News stars hamwe na Berco stars bategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira batsinde bazoshobore kuja mu mikino wa nyuma.
Urunani rudafise inota na rimwe rutegerezwa gutsinda urukino rwa nyuma kugira bazoshobore kubandanya ihiganwa. N’uko nyene ku murwi New stars nawo nyene utegerezwa gukina uko ushoboye kwose kugira uzotsinde, uce ubandanya ihiganwa.

Ivyo vyose bikaza kumenyekana ku mugoroba wo kuri uno musi wa kabiri, Urunani rukaza gukina n’umurwi USIU wo muri Kenya.
Umurwi News star nawo uza gukina n’umurwi VIJANA wo mu gihugu ca Tanzaniya uno musi igihe c’isaha icenda z’umuhingamo. Izo nkino uko ari zibiri zikaza kubera ku kibuga c’inkino ‘’Département des sports’’

Abamenyereza b’iyo mirwi uko ari ibiri New stars hamwe n’Urunani bahamagarira abantu bose bakunda umupira w’amaboko basketball kwitaba iryo higanwa, bashigikire iyo mirwi iriko irondera intsinzi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.