Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihindurwa ry’umuhinyanyuzi muri Kissu Record - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Ihindurwa ry’umuhinyanyuzi muri Kissu Record

Ihindurwa ry’umuhinyanyuzi muri Kissu Record

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Uyu munsi kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2013 umuhinyanyuzi Gregore Bakuza ava mu gihugu ca Tanzaniya yageze hano mu gihugu c’u Burundi aho aje gusubirira mugenzi wiwe azwi kw’izina rya Athizo Thechnologie yahora akora mu buhinyanyuriro bwitwa Kissu Record.

JPEG - 21.9 ko
Umuhinyanyuzi Gregore Bakuza

Nk’uko nyene ubwo buhinyanyuriro Nzeyimana Mohamed abivuga ko imvo zatumye ahindura umuhinyanyuzi ari uko Athizo yarasigaye atumvikana na bamwe mu baririmvyi na cane cane abataramenyekana akabicira amasango yabahaye.
Ikindi ngo Athizo yarasigaye akora atabishaka kuko ngo nawe ashaka gushinga inzu y’u buhinyanyuriro bigatuma batari bacumvikana n’uwo mukoresha .

Nyene ubuhinyanyuriro akomeza avuga ko imvo nyamukuru ari uko ashaka guhindura ukuntu yahora akora yo muri Kissu Record kuko umuhinyanyuzi Bakuza amaze kumenyekana muri afrika y’ubuseruko nk’umuhinga.

JPEG - 36.3 ko
umuhinyanyuzi Athizo Thechnologie

Twavuganye n’uwo muhinyanyuzi mushasha atubwira ko yashimye kuza gukorera mu gihugu c’uburundi kuko na mbere arakunda abaririmvyi b’abarundi ubu ngo akaba agiye kugabanya ibiciro vyo gukorera abaririmvyi bane ba mbere indirimbo(Promotion) kandi ngo azofasha cane mukuduza abaririmvyi bataramenyekana kuko azi akamaro bagira mu muziki naho benshi batabaha agaciro.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.