Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihindurwa rya BNUB ikaba Equipe Pays bigiye kwigwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihindurwa rya BNUB ikaba Equipe Pays bigiye kwigwa

Ihindurwa rya BNUB ikaba Equipe Pays bigiye kwigwa

samedi 7 Kigarama 2013

Mu bikorwa vy’inama iriko ihuza Ubufaransa n’Afrika, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarabonanye na Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, baraheza bayaga ku bitari bike, mu bijanye n’Uburundi.

Muri uyo mubonano wabaye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Kigarama, bayaze ku bijanye n’ihindurwa ry’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi BNUB ukitwa Equipe pays. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akavuga ko igihugu kimaze gutera intambwe iboneka mu gutsimbataza amahoro n’umutekano inyuma y’intambara igihugu camazemwo imyaka n’iyindi, ubu akaba ari umwanya wo gutsimbataza iterambere n’ubutunzi. Kuri ivyo, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, yamenyesha ko ikibazo kijanye n’ukwongera ikiringo BNUB canke kuyihindura ikitwa Equipe Pays, bizirwa mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kwa Ruhuhuma kw’umwaka uza w’2014.

Ban Ki Moon ariko, akaba ashimira Uburundi ku ntererano butanga mu gufasha bimwe biboneka mu kugarukana amahoro mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, aha akavuga nk’igihugu ca Somaliya ubu kigenderwa n’ingenzi zitari nke zo kw’isi, bivanye n’intererano ikomeye Uburundi bwatanze. Eka ndetse, Uburundi bukaba buherutse gusabwa kuja gurafasha mu gihugu ca Centrafrika, eka ndetse Uburundi bukaba bushobora n’ukuzofasha igihugu ca Mali mu minsi, mu kugarukana amahoro.

Kuri ivyo nyene vyo gutsimbataza amahoro muri Afrika, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa amenyesha ko buri mwaka, hagiye kuza haraba inyigisho z’abasirikare ibihumbi mirongo ibiri, mu ntumbero yo kurwanya iterabwoba n’ibindi bikorwa bihungabanya umutekano muri Afrika.

Mu guheraheza, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, yarashimiye rwose umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku ngingo y’ 2127 yo ku wa 5 Kigarama, ingingo igena umurwi wo kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika, ndetse iyo ngingo igaha n’ububasha igisirikare c’igihugu c’Ubufaransa, gukora ibishoboka kugira gishigire MISCA mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Centrafrika.


IGIHE

Messages

  • Perezida w’igihugu c’Uburundi nyakubahwa nyenicubahiro Petero Nkurunzi,
    Nukuri birahimbaye kubona igihugucacu c’Uburundi gisigaye gishimirwa kurwwegompuzamakungu kogifasha bimwebishimishije Arusha warakoze koko! Buryabantu bagizubumwe batabeshanya ahonihobibonekera murakaramba mwahisemwoneza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.