Accueil > Imibano > Ihuriro ry’abana mu Burundi
Ihuriro ry’abana mu Burundi
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Mu ntumbere y’uguha ijambo abana, ikirangaminsi c’ihuriro ry’abana mu Burundi cashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2013, nayo ibikorwa vy’iryo huriro bikazokwugururwa icese ku wa 16 Ruheshi 2013, umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika.
Ihuriro ry’abana bo mu Burundi, rizofasha abana kuronka aho bashikiririza ivyiyumviro ari kubijanye n’amashure, ibijanye n’ukuronka ivyo bafungura, hamwe no gushobora guharanira uburenganzira bwabo.
Iryo huriro rero, rikaba rizoba rihurikiyemwo abana bari hagati y’imyaka 10 na 17, bo mu mihingo yose y’igihugu.
Nk’uko bivugwa n’umurwi w’ubuhinga ujejwe gutegura iryo huriro, bipfuza cane ko ata mwana n’umwe yosigara inyuma mu guharanira uburenganzira bwiwe. Babandanya bavuga ko abana bo mu bwoko bw’abatwa bo mw’ibarabara, eka na banyamwema nabo nyene bipfuza ko bokwitoza bakazoshobora kuja mu barongozi b’iryo huriro ry’abana.
Barangiza bavuga ko bizeye yuko muri iryo huriro, ata vya politike bizojamwo nk’uko vyibonekeje mu mahuriro y’urwaruka hamwe n’abakenyezi.
Floxella Karire