Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ijambo ry’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yashikirije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ijambo ry’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yashikirije

Ijambo ry’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yashikirije

vendredi 15 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yaduhaye Igihugu ciza c’Uburundi, gitemba amata n’ubuki. Nihabwe icubahiro.

2. Kuri uno musi uri hejuru, twagira dushimire bimwe bivuye ku mutima inzego z’igihugu z’ukwivuna abansi no gucungera umutekano ku bwira n’ubukerebutsi zaraye zerekanye mu guhagarika umugambi ugayitse wo gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu.

3. Iyo migumuko imaze imisi nta kindi yazanye mu gihugu cacu atari amarira n’amaganya mu miryango, igihombo ku gihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ari na ho ako kaguma katanguriye mu duce tumwe tumwe turi ku rushi.

4. Abarundi barayamaze bati "Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro". Abo bahanuwe nabi nibirimbure bamenye ko Uburundi n’Abarundi twamaze gutera intambwe iboneka ya demokarasi, kandi ko tutazigera twihanganira uwo wese azogerageza kuyisubiza inyuma.

5. Biragaragara kandi ko iyo migumuko yatanguye gutegurwa kuva kera, kuva mu mwaka uheze, eka n’imbere yaho. Intumbero yayo kwari ugushaka gusenyura inzego zirongoye igihugu zitorewe n’abenegihugu.

6. Turateye ivyatsi rero kandi turiyamirije abo bose bashaka gusubiza igihugu mw’ihumbi, mu kugarukana intwaro z’igikenye babanje kuburabuza demokarasi.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

7. Turashimiye Imana rero ko uwo mugambi ugayitse waraye uburijwemwo, mbere tugasaba n’incuti z’Uburundi n’amakungu muri rusangi ko bohakura icigwa gikomeye. Igiti ntikigukora mu jisho kabiri.

8. Ntitworeka gushimira abahenzwe batanguye kwirimbura bakishikana imbere y’inzego z’umutekano n’ubutungane.

9.Twashaka kumenyesha Abarundi n’amakungu ko amahoro n’umutekano birangwa mu gihugu cacu cose, mbere no mu gisagara ca Bujumbura aho ako karwi k’inkorabara kari ku rushi karaye gashatse gukorera ibara.

10. Twashaka kuremesha Abarundi bose twongera tubasaba kwigumya no gufatana mu nda kugira ngo demokarasi twarwaniye bitoroshe ntiduce mu myanya y’intoke.

11. Nk’uko tudahengeshanya kubivuga, intwaro z’igikenye ziciye kubiri na demokarasi twarazisezereye. Ariko intumva zo ntizibura. Twiyemeje kuzirwanya twivuye inyuma.

Barundi,Barundikazi,

12. Tubasavye kwumvira indongozi zanyu, kuko inyifato nziza nk’iyo ituma abantu baba mu mahoro, bagakora imirimo yabo batekanye.

13. Dukomeze rero amahoro n’umutekano, tuje mu matora dutekanye nk’uko akarere n’amakungu babishigikiye kandi babiduhanura.

14. Turasavye kandi ko hoba gushigikirana ku bijanye n’amatora mu kugira uruhara mu kubungabunga amahoro, umutekano, demokarasi n’ubutungane kuri bose nk’uko ingingo ya 73 y’Ibwirizwa Nshingiro ry’Uburundi ibidusaba. Tumenye kwibako kuko ba sokuru barayamaze ngo "AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE" kandi "AMAZI MASABANO NTAMARA IMVYIRO".

15. Ariko rero, dusavye amakungu kwama hafi Uburundi kuko adafashije aba yuguruye inzira y’akajagari, ako na ko kagakamira mu coze abipfuza ubutegetsi babicishije ku ngimba, maze bigakwega intwaro z’igikenye ata kindi zigamije atari ukuburizamwo demokarasi mu kwima ijambo abenegihugu.

16. Turasavye rero dushimitse ko imigumuko ihagarara ubu nyene, abafise ivyo basaba babicishe mu nama n’ingingo, ntibabicishe mu ngimba canke mu migumuko.

Barundi,Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

17. Biragaraga ko iyo migumuko ifitaniye isano rikomeye n’abo baraye bashatse gutembagaza inzego, ndetse na bamwe bateye Uburundi mu ntara ya Cibitoke mu mpera z’umwaka uheze bazananye muri Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo.

18. Ikindi twashaka gushimangira ni uko bigaragara ko zirya kambi z’abasirikare zitwa Bataillon Para na 11ème Bataillon Blindé ziri ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura, kuva muri kahise ari zo zamye zikoreshwa mu gutembagaza inzego, ivyo bikaba vyamye na ntaryo bitera ingorane n’amarushwa bikomeye mu gihugu no mu banyagihugu, mbere bikanacafuza izina ry’igisirikare c’Uburundi mu gihugu no mu makungu.

19. Dufatiye rero ku vyipfuzo vy’abanyihugu batari bake, tugiye muri kazoza gufata ingingo ijanye n’itunganywa n’ikoreshwa gushasha kw’ibibanza izo kambi zikoreramwo.

20. Dutangarije Abarundi n’amakungu ko imbibe z’igihugu zuguruye zose kandi zicungerewe bikwiye, ko ubuzima bw’igihugu bubandanya nk’uko vyahora mu gihugu cose.

21. Tukaba turangije rino jambo dusubiriye kwibutsa ubugira kandi ko Uwo wese yakije umuriro ata ntambwe azoduterana, ko intambara asomborokeje izohera iwe igaherera iwe.

NKABA NDABASHIMIYE, IMANA IHANGAZE UBURUNDI N’ABARUNDI,
MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • IRAMBIRE MUTAMA WACU.ITSINZI NI "CASH"

  • uraje nyakugaruka uboshe.wibazako tutaziko arivyo mwateguye ngo ni coud état!!niyombare ntusubire kwihenda abo mwarikumwe beshi barabo nkurumbi yahay mission.rero komera abarundi tukurinyuma.fondera ibigwanisho bikwiye tuze twikureko urwo rusyo nkurumbi.

  • Jew Nibaza Ko Ivy,Imana Yavuze Vyose Bizoshika ku Burundi nitegereje Imvugo Ya pita Nkurunziza Hamwe Nabayoboke Biwe nkuko Imana Yabivuze Ko pita Nkurunziza Yatanze Igihugu Cu Burundi kwikimazi ca Satani kugira Azatware Gushika Kumuhungu Wiwe . Nibazako Yibajije Ko Satani Asumvya Ubushobozi Imana ,ariko Twizeye Ko ,umwami Yesu kristo Agiye Gusohoza Isezerano Yavuze Kugihugu cu Burundi .

  • We congrate you Mr MY PRESIDENT kubwanje nibugare izo kambi zama zituma tuja mumarira no mumaganya

  • Ariko uwokurikira Ijambo uvuze ,ubona ivyoguhumuriza Abarundi birihehe? Ahubwo uje kwica Abarundi wivuye inyuma."Hewe ico witwaza ngo ni "Democratie " .Siyo ukoresha nagato.Ukoresha kuba "Tétu".Kurikiza imbwirizwa nshingiro yi Arusha hama uheze uvuga ivyo uvuga.Hama iyo Putch nta munyagihugu numwe ayishaka kuko aho abasirikare batugejeje na wewe urimwo turahazi.Amaraso ariko arameneka azoshika aho akuniga wiyahure kuko ntaho bayagurira.Raba Havyarimana ,Micombero Idiyami Dada, Mobutu ...,hama urabe uruvyaro rwabo aho ruri. Ndavuga nsimvura.

  • turagushimiye mutama.ntaco tutazokora nkingabo zawe.kk ntituzihanganira inyanka burundi.baribaziko ingabo zitarimaso!!barabashuka.mutama guma kwivora.

  • Komera Mutama, mube maso ntihagire ubaca murihumye, Ayo makambi murayakuho muyajane mu ntara zo hagati mu gihugu

  • araka imanairimwijuru pita nawenimanayiburundi nakomere idyobuye uzorigwako azovunagurika

  • araka imanairimwijuru pita nawenimanayiburundi nakomere idyobuye uzorigwako azovunagurika

  • araka imanairimwijuru pita nawenimanayiburundi nakomere idyobuye uzorigwako azovunagurika

  • Sha twari twashatse uhere iyo waruri kugira uje kurya amavoka none wigarukanye?buretse haraho bazokubura irengero.burya ntuzi icasongoye ihwa!

  • Imana idufash bihr nza

  • Imana idufash bihr nza

  • sha imana irakoz nihabwe icubahiro

  • nibakuveko nkuru urahatswe uvuye iyogwiyaga inda.arikosiheza urashista ivyobagusaba ntimuphagahez

  • Urakoze mutama kw’ijambo ry’imuhire. Ariko narinkeneye kukwibonera amaso mû yandi kandi nkumva ijwi ryawe original kugira ngo tureme abarundi twese. Wavuze ijambo ry’ibiganiro ni ryiza , turabasavye rije mu ngiro kuko ibiganiro ni vyo vyashikanye uburundi kuriyi ntambwe turiko mbere vyo vyiza arimwebwe mubihamagaje bikunze mu gasaba amakungu afashe .Ndakwifurije amahoro y’Imana. Nkamba ndangije nifuriza abarundi Bose amahoro y’imana. Dukomeze ubumwe, urukundo, amahoro ni gukomeza amahoro n’umutekano.

  • ntaworeka gushimira nyagasani kuko hamwe abantu twoba tudasenga imana ntayoba iriho ariko.jewe ico mbona nuko nkuko nyakwubahwa president wamushimira imana gerageza wigore abantu ntibasubire kwiyamiriza.ikiringo cawe cagatatu. kuko nawe ubirengako ubizi ko bidakwiye .ko witoza kandi hari namasezerano yaalucha urabe neza rero imana ntikugire nka farao munyanja itukura.ivyagira bibe navyo jewe ndibaza ntazongera.gushaka guhirika ubutegetsi .

  • @NZOJIYOBIRI
    "IRAMBIRE MUTAMA WACU.ITSINZI NI "CASH"
    Ahubwo wihenze si Mutama n’umwami wawe ushaka ko ahora ku ngoma gushika gupfa kwiwe!

  • komera ku ntwaro NYENICUBAHIRO SEBARUNDI.abo nabo bakokeza ngo habe imyigaragamvyo,twarabahinyuye bagomba kugarukana intwaro ifatiye ku moko n’intara.abanyagihugu mupfa kubijamwo muribagiye ayo bakoreye Président Ndaday?Nimukanure

  • nkurunziza urumugabo usivye ubwobugabo nibugende kuroba ntabantubarimwo abobasi bigihugu babiryworezwe.

  • Sha mushunganta twagukunda ariko urigisambo .wibagira abanyagihugu.imitungo yigihugu ur mukuyimariramwo.Buriya rero Muamar Kadafi yaphuye neza we uzopha kandi nabi .Ibujumbura warabahombeje nta ni ndishi yakababaro wabahaye .uzorwa imbere.

  • Sha mushunganta twagukunda ariko urigisambo .wibagira abanyagihugu.imitungo yigihugu ur mukuyimariramwo.Buriya rero Muamar Kadafi yaphuye neza we uzopha kandi nabi .Ibujumbura warabahombeje nta ni ndishi yakababaro wabahaye .uzorwa imbere.

  • HEWEEEE!!!! USURANISHAVU UKANYA MUMHUZU !!!! KANDI AMASO YIBIKERE NTABUZAVOMA KUVOMA !!! NDAKEJE IZEGO ZO KWIVUNA ABASI !!! HAMWE NOWO WESE YAKOZE IBISHOBOKA VYOSE GO UMUKURU WIGIHUGU NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA GO YIJIRE MU BURUNDI MUKANYA GATO ATAWUBIZI KOYAJE YARAKOZE IMANA IMUHEZANGIRE YARAKOZE NEZA !!!!!! UBUHO AMEFIKA WENYEWIVU WAJINYOGE SSAS !!!! NDABABWIRE !!! UBUGOMBA BWABONYE IGITIBA MUNYOVU ATI AHOTWAKARARIYE MUMWOBO NIKERA UYUMUSIHO TURARA MWIRIYAZU BURAGENDA BURIJIRA IZUKI NAZO ATI ? NTIMWISONERA ZIRABURYA CANE UMWAMI WAZO ATI NIMUBUHASHE KUKO ATAMUNGABO YIJIRIRA KUWUNDI

  • twizer k atanzirakarengan zizokurikira ivyahatse kuba.IMANA IHANGAZ UBURUNDI.mbonye mwimigani itey amaknga. mbe uburundi brashobora kwirosa amahra yatora?

  • JEWE ABANTU BARANTWEZA !!!! GO AZOHERE IYOYAGIYE IKINDI GO HARIGIHE TUZOMUBURA IYOYAGIYE !!! URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO !!! HUMURA !!! IYAKAREMYE NIYO IZOKAMENA HAGEZE KUKO IMANA NTIBESHA KANDI NTIHINDURA IZOKURINDA CANE CANE MUMAGORWA

  • kaze urisanze mutama,ivyari imagera vyarageruye.na ba fransa barayamaze bati:<<la valeur d’un homme se mésure devant un obstacle>>

  • uwuzotangura intambara izoherera iwe mwitond muvyo muvuga ntawundi dukeneye atari péter naho muja mwibarabara tubareka tubashoboye mwaraye mubonye KO imbonerakure muzibeshebera. Pacifique ngo ntazosubira gutwarwa na Nkurunziza yomoke azogaruke atagitwara.menyera kubaha inzego.

  • Jewe uko ndabibona irya coup d’etat yarimo akarangamutima,none wombarira uburyo wo fata leta ntufate i radio y’igihugu?

  • Ivyabaye vyose bori ku gatwe kawe mukuruwigihugu:Ukwibihera kubutegetsi kandi utabirekuriwe Nibwirizwa tikuru. Manifestattion nibwo buro bwonyene abo bantu bafise bwo kukubwira ivyo banse. Ikibi gihagaze he? Niba ufise ukwicisha ugufi kwa akristu uzi neza kwatawutihenda. Emera rero ureke abantu bakubwire aho wanyereye. Abo bantu boose bafise ishusho ryImana. Boose...Nkiyo nawe ufise...ntubasumba kandi ntibagusumba...Urazi ko na Dawidi yicishije umugabo wumugore yashaka. Yasubijwe ubuntu bwImana kubera ko umuhanuzi yamweretse ahikibi kiri agafukama agasaba imbabazi. Urazi ko Imana mutazohurira mwibabarabara. Abo bantu utubaha nibo icako cane cane abo batobato umenga ntaco babona. Imana irazi neza ijana kwijana imvo ziri mu mutima wawe: aruburyarya nugukunda inda. Iyubonye bagushigikiye wibagira ko utegerezwa kubaza umutima wawe imbere ya vyose. Nyakubahwa ntawudakosha kandi imbere yImana nimbere ya conscience yawe uri wenyene! Ntawuzogufasha umutwaro wa culpabilite nimibabaro yingarula kuri wewe nabawe. Decision no rwawe! Iri mu minwe yawe! Ni ingogo yogihangange ikomeye kandi ishobora gutuma abagushigikiye baguhinduka. Ariko uko biri kose umenye ko ushimye kwitoza ubugira gatatu harabantu Imana Uhoraho yagushinze bazoharwa Igihugu yagusavye kwigura kisambuka, ubukene ninzara vyiyongere... Imana ntizagutwenga nagato....Ingarukambi kuriwewe nabawe nazone zirashoboka. Icibonekeza nuko wofuma wemera kuzira ukuri kurya kwImana wama uriko uravuga hako uzira kwibohera kubutegetsi.... Ico niciyimviro canje..

  • Imana Iguharire ntuzi ivyo ukora, kanatsinda iyo coup d’état niwe wanayiteguriye, wamugambi ngo bacemwo ntibabona nguyo watanguye, muga ico twobamenyesha, mubandanye musenga Imana, musengere n igihugu, n’ abagitwara kuvyo bakora, kuko ntakinanira Iyo Mwijuru kandi amaherezo ni mabi, ico udashaka ko bagukorera ntugikorere abandi.

  • Iyo bataillon para niyo ya blindé nibo bishe Ndadaye. Ubu ibyabo byarangiye kuko aribo bari bashyigikiye imyigaragambyo . Aho bashize Ndadaye baraye bahiboneye

  • Turagushigikiye mutama, uri Sebarundi vyukuri!

  • komera muta namba bibaza kwimyaka twamaze mwishamba kwarukwasama nibateshwe bate nayo
    sinari nibaza ko abantu bafise ivyiyumviro nkivyu yiyise rwamo boba bacubahuka kuvugira ahabantu babumva ICO nogusaba nyakubahwa gabanya. ubwo bukirisu hongorinjavyi hera kuri vital pasfike rufyiri nayo kasinduhije tumaze imisi ino tukagendaho you wait

  • komera muta namba bibaza kwimyaka twamaze mwishamba kwarukwasama nibateshwe bate nayo
    sinari nibaza ko abantu bafise ivyiyumviro nkivyu yiyise rwamo boba bacubahuka kuvugira ahabantu babumva ICO nogusaba nyakubahwa gabanya. ubwo bukirisu hongorinjavyi hera kuri vital pasfike rufyiri nayo kasinduhije tumaze imisi ino tukagendaho you wait

  • Tsinda mutama nibakuveko

  • AHUBWO NUKONUMVISE AGIRE ASAHURE ABANYAGIHUGU NGWAMAHERA KANDI ATAMAHERA YATUBIKIJE

  • Sha nkurumbi ntukinishe IMANA ndaguhaye 3 mois kumaraso uriko uraatanga uha rusuferi wica ABARUNDI benewanyu IGIHANGA wamaze gutanga itegeko ubu bariko barapfa, amaradiyo mwarayazimije ntibaronka nuwubatabariza ariko IMANA dusenga sirya usenga izokwishura kubivyimba uriko uragandagura uvuga ngamahoro aruzuye mu BURUNDI BWOSE inyuma y’amezi 3 izokwishura ariko ikimbabaje nuko uzopfira muvyaha kandi abo mugendana wishimiriza nibo bazokwica.

    Ntawuzi ingene washitse ntituzi niyuvuye gupfumurira ariko IMANA ivyo vyose iriko irabibona ntuhave wijajara sana nguzohava igitwara abanyavyaha bazoja kwa shetani mu BURUNDI hazosigara abihanye ntiwishime gose ngigihugu nirwawe gifise banyeneco tanga ivyo bagusavye ukwize igitigiri kwa rusuferi niwakwiza nawe uzogenda.

  • nimba perezida nabafise ivyiyumviro nkawe ndabatumiriye gusome IRIJAMBO RY’IMANA muri EZEKIYERI ikigabane 8,9,10 na 11 hama musome kandi muri YEREMIYA ikigabane ca 46 akarongo 25-26 nibigiye gushikira UBURUNDI ariko mumezi atatu aheze soma muri YEREMIYA ikigabane46 akarongo 27-28

  • Jewe ntaco nkivuga ndimumahanga aliko ndanvye kuru Ibiliko bilabera aho muburundi nagahomera bunwa Imana itubabarire pita nkurunziza wahaye abandi bagatwara urya wenyene kuberiki uburundi nigwawe nintongo nryaso walanzwe? Witwaza amasengesho Imana Wibaza invyo uliko urakola Imana ntibibona?

  • Nyabuneka nkuruziza Peter akwiye nawe gukurikiranwa namatengeko amenyeko baryabose .bapfuye barikumutwe wise, nakagwi kiwe.barya bavyeyi boshwe nabi bafise imbanyi banyeko we nano bafatanyinje Imana izobaza amaraso yabo name ye bazira ubusa

  • Nkurunziza a raison sur chaque point evoque de son discours a la Nation burundaise mais, une chose, il a oublie de mentionner un point également important qui est celui de la reussite des élections, qui se concrétiserait impeccablement que s’il avait le courage de retirer définitivement de la course electorale sa candidature inconstituionnelle. Murakoze!

  • Nimudutohoreze inkuru ngo numugambi wari wafunditswe na CNDD FDD.

  • Twese Turateye Ivyatsi Ako Kagwi Kabarundi Bagomba Gusambura Iki Gihugu Cacu Mukugira Imyiyerekano Ataho Ifatiye No Mukugerageza Gutembagaza Ubutegetsi Twitoreye Abandi Bakavuga Aya Muhe,turashimiye Inzego Za Gisirikare Nizumutekano Ku Bwira Nubukerebutsi Zakoresheje Mukurokora Igihu.Imana Ibongere Imigisha.Murakoze

  • Jewe ntacomfise novuga kuko ivyovyose nububegito bwabarongoye cndd iyababibuka iyo igihugu cavuye ntibari kwemera ko cotabagurwa guryo Nyakubahwa presedent icatumye mudatunganya umugambwe mumyaka icumi mutwaye nikihe?nokuvuga ayomajambo ntacobimarira abnyagihugu.nayo izonkambi zagisirikare zishigikiye imigumuko ,mbese nihowarukimeyako zamye arinkorabara.Nibawubah,Imana koko atari mumajambo tunganya vubabwango uwitoza kuruhande rwa Cndd.ahandiho Uwaguhaye Niweagiye kukwaka.

  • Murakoze nanje nd’umwe mubenegihugu Nyakubahwa Pierre NKURUNZIZA arongoye,nkaba nshimiye cane abenegihugu bagenzanje, bemera mandat ya 3 y’umukuru w’igihugu. nkaba ngayiye cane uwo wese adashaka ko Nyakubahwa Pierre NKURUNZIZA atwara iyi mandat yagatu .murakoze.

  • Ewe Muvyeyi Bikira Mariya ambariza uburundi na barundi na babubamwo bose. Ijambo nyamukuru rifise Se wa Yezu Kristu. Mutima w’Imana garukira abana waremye naho twagavye, igitogitabwa iwabo. Ntituzi ico dukora. Amen!

  • Mbe iryo jambo yarishikirije hehe? Amafoto yiwe ariko ararivuga ari hehe?Rtnb kayinaniye kandi ari iyiwe? Mbe mwa ba dd muzogeza ryari kureka gukina amanyanga agamije guhekura inzirakarengane. Muzoreka ryari kuguma mudufata twebwe abantu batobato nk’ ibijuju? Mwotubwiza ukuri ko mendat ya 3 yamugwaje none asinzikaye tugapfuma tumusuhuza, tukamwereka urukundo naho atago adufitiye, mwoba mubaye iki? Ayo manyanga manyanga, azohava abayangarana!!!

  • URERETSE AMAKUNGU KO URI INDAHANGARWA,KUKO ABA PRESIDENT BABURIZAMO AMA COUP D’ETAT YA PANZWE KURIYA NIBACYE CYANE KURI INO SI.
    KUKO VYARI BIMAZE IGIHE KIREKIRE BABIPANGA, NAZA YEGEREGERE ZOSE NICO ZARI ZIGAMIJE.

  • Abasirikare bahora bashigikira abiyerekana kumusaga. Mugabo ngo benshi bahasize agatwe abandi barafatwa!!!! (Bataillon para ,..) abarundi barahenzwe ngo bigaragambye. Gusa izo nkozi zikibi akazo kashobotse. Ubu usubira mwibarabara ni direct ku mpimba

  • Nimureke muzehe yitoze,sinumva igituma mubivuzako induru,azotorwa nuwugomba,none adatow azotwara gute?

  • imana ishumwe yaguhaye umukuru wigihugu akunda uburundi agakunda nimana mutama imana iguhezagire uwukwanka yangare

  • imana niyonkuru.mwebwe bandanya muremesha abarundi nukubasabira.nyakubahwa nukuri ndabasavye munyongere général niyombare godefroid.

  • Je Simbona Ikintu Na 1 Cotuma Ndamwita Nyakwubahwa,kimw Gusa Nuko Yorekura Igihugu Ku Neza Nayahandi Azoreka Kurucirirwa Nabantu Arucirirwe N’imana,sikizi Aseng’iyohejuru Natwe Tugasenga Iyo Mwijuru.

  • Hahahahh!! Nagomba nsubize ico kijuju canditse ubwambere: harubwo wobufite ingorane zomumutwe?? Haribind wagomba kumenya birenga ivyo Excelent President N.Pierre yababwiye? Woza nokuronderera agashwabirwa k’umutwe !!

  • imana yarakoze kuba bitakunze alihmdulh lablalamna.

  • Le probleme que nous avons est que nos politiciens ne disent pas la verite .ils mentent souvent en pensant que bagize umukenyuro mais il arrive qu’ils setrompent eux memes avant de tromper le peuple.
    NKURUNZIZA etant a Nairobie mais les DD disent qu’il est a bujumbura alors que sa sante est criticable
    j’addresse plus particulierement a WILLY NYAMITWE de nous montre que cequ’il fomente est juste en demandant au president d’adresser son discours au peuple sur l’eclan de la RTNB

  • Nkurunzira abamutoye bazomwongera. Abo bose bavuga ngo ntibamushaka ntawubabwiye ngo nibamukunde kuko arafise abamukunda bakwiye bamushikanye ku butegetsi ariko uno musi, buca kabiri bamwongera irindi teka ry’imyaka itanu hanyuma yihangamire Nyakugirimana. Mbega abatwaye imyaka n’iyindi ni kubera abarundi bose bari babakeneye? Mwaramenyereye, mwagira ngo ni NDADAYE na ba Léonce na Ntiba na Domitien barikumwe bagacika kw’icumu bagaca bamwibagira ukamenga nta cabaye? NKURUNZIZA ARI N’ABIWABO BASANGIYE AMAGOGWA N’AMAHIGWE, abo rero mutabamaze ntaho muzomushira tuzomufata mu mugongo twongere tumusengere kuko Imana niyo yamuduhaye izomutuzigamira. Imyaka amaze si kubera bose bamukunda ariko n’ugushaka kw’Imana. Agati gateretswe n’Imana ntigahenugwa n’umuyaga. Senga Imana mureka umutima mubi ntaco umaze atari stress gusa.

  • iryo jambo ngo amakambi yo kumusaga niyo yamyagumuka? None ko yaray’asambutse nka bose bigiriye birya nta yindi coup d’état izosubira? Iyizokurikira yo izomutwaragatwe.......

  • namba azi demokarasi vyukuri nareke habeho intwaro rusangi ntiyigungane wenyene mbega abapasitori niko bamera? ayo maraso yasheshe nubuagisesa uwo yabesheye ngo Mushoboravyose azomwereka ngirango si Imana dusenga?? niyaba ariyo buzoca tubirabe

  • Donc muracagura ivyiyumviro mushira kuri site yanyu? Iciyumviro mpejeje gutanga kiri he ko ntakibona. Ndabasubirireremwo NKURUNZIRA si NDADAYE nabo basangiye urugamba bagacika kw’icumu nawe afyuye baciye bamwibagira. Muhakure icigwa wewe arafise ab’iwabo basangiye amarushwa n’amahigwe bamutoye ninabo bazomwongera. Abatamukunda nabo nagira ndbibutse ko abadutwaye bose atari kubera twabakunda twese, niko bimeze.

  • ndakunda ivyiyumviro abarundi mushikiriza,mbega muravye ivyabaye iyo hataba abarundi bumutima nivyo muvuga biba vyaraye bihavuye kuko ntawarazi inkurikizi zari gukurikira cout d’etat narirya twari dusanzwe tuziko iyo hbaye ibintu nkivyo abahasiga ubuzima batabura,Ubu rero uko biba kwose,abarundi bumutima twaraye tubabonye abashaka ko tuguma mukajagari twarababonye ntakindi gisigaye ataruko abarundi bose boja hamwe bakiyamiriza bimwe vyakarorero abo bashaka gusarura ivyo batarimwe ,babirondereye mwibarabara.

  • Twamaze kubimenya kwari ubwenge mwagize ariko imana izobamaramaza ntagisumba imana

  • igihugu cya comedie mbe nkubu ko mwabeshe abenegihugu ngo coup d etat ari amadiri ngaho ngo yatashe atawuhari gusa biratangaje muzizerwa ryari

  • Hahahaaa!Mwe Nimurindire Gusa Sikizi Ibisaka Vy’imbwa Bihay Bisha,aba DD Mumisi Nzorab’iyo Munyikira,tuzoruhuka Tubatembagaje.

  • Bavandimwe Barundi, Mwavuye muri izo Yegere yegere koko naba mudashaka ko NKURUNZIZA abayobora ikindi kiringo ntimuzomutore. or naba muhisemo kwigaragambya niyumvira ko umuntu ashobora kwigaragambya pacifiquement ata miduga aturiye ata mipine atwikiye mu mabarabara kuko igihugu musenya ni icyanyu nimwe mwihenda kbsa!! Ikindi abo babahenda ngo mwigaragamvye ko bo baba batabari imbere ngo nabo babarase?! musigeho gusenya igihugu ahubwo muyoboke ibiganiro!!
    Mu kinyarwanda hari umugani ugira uti"IYO AMAGARA ATEREWE HEJURU BURI WESE ASAMA AYE"

  • Ntuzosubire kuvuga Imana.uravuga satan yawe apana guhoha izina ry’imana.twarabahinyuye.iyo coup d’etat niwe wayikubise.hama natwe turasubiye mw’ibarabara mpaka wishe uwanyuma

  • Mbega Ko Muguma Mwipfuza Kumubona Erega Twamaze Kubonako Muri Ibinywamaraso Mugomba Kumwica Mumugire Nka Ndadaye Mudusubize Mwishamba,muvyemera Canke Muvyanka Ari Mu Burundi Ari Nabiwabo,gusa Nimutetegwe Buke,mwongere Mwigumye Ari Nabiwabo Abwamwanka Muri Ku Rushi,niko Bimeze,none Tubafashe Iki Mwa Bamenja Mwe Ahubwo Ntimutetegwa Kuba Mukivuga Nukuntu Mumaze Imisi Mushohora Abanyagihugu Bamwe Bakahasiga Nubuzima!Mutetegwa Buke!

  • Mbe hohgo kavuko igihugu ngo gitemb’amata n’ubuki bisigura kwariw’abibona wene nkakarorero Abonbantu bagiz’iminsi barwa m’umyiyerekano kand’ariwe abitera. Yaba b’arabana biwe yacavuga (ek)’wigihugu kirimwamahoro Abakoresha ubwenke nkabandi ivyo iminsi yose mukuvuga ivyavuga atanguza Imana kwamira m’urushengero siko kumeny’Imana.

  • Neza cane. Komeza umutekano (securite yawe).

  • Sinduhije yananiwe mu matora. Arazu ko aronka 1/200. NOne ngo reka ngende mwibarabara.

  • Barundi nukuri tube twiyumvira,urazi gutangura neza ugaheza nabi,ivyo tubigireko icihwezo.mbega amatora aheruka kuba muri angleterre(ubwongereza) twarayabonye,aho benshi mundongozi zabonye kozatwariye abanyagihugu nabi zica zitanga imihoho.rero atubere icigwa kugihugu cacu.

  • ariko mwa bahutu mwe,ndabona munyotewe kumena amaraso,izo nda zanyu ntizizopfa zihaze na rimwe!

  • Iryo ubona ari ijambo ry’umukuru w’igihugu? Aneganega aho anegurwa! Umugambwe DD urakwiye kurondera uwundi mu candidat ahandi ho vyawuyangaranye. Nta Nkurunziza uyo musazi azokwongera gutwara Uburundi ariko ahonya benebwo. Naho nzosigara ndi umwe nzoguma ngwanya ko asubira kudutwara. Noneho inkoko niyo ngoma intsinzi ni iyacu nawe nabe aritegura tumucire urubanza; nako yari yaraciriwe urwo gupfa ubu akoa ivyo vyose kuko azi ko uwaciriwe urwo gupfa afatwa nk’ikiziga!

  • 1.Ninde nca bwenge yodusigurira ingene Nkurunziza yotsinda abashaka kumutembagaza ariko ntiyiyerekane inyuma y’intsinzi?

    2.Ninde yabonye Nkurunziza ashikiriza ijambo abanyagihugu ariko ntaboneke?

    3.Ninde nca mbwenge yodusigurira ingene no kuri tweeter yiwe iryo jambo atarihari, ata photo yiwe?

    4. Ninde ncabwenge yodusigurira ingene Nkurunziza ataha ariko ntihagire n’umwe amuca rurabwe?

    Abarundi mugikwirikira umuyaga ni mu kanure. Iyo nkinamico y’itembagazwa rya Leta we nyene yiteguriye, iyo nkinamico y’uko yatashe ariko atarivyo, ni igitutsi gihambaye ku gihugu c’Uburundi.

    Uwahora akekeranya ko dutwarwa n’umuntu agwaye mu mutwe ni ashirwe. Twizere ko Abatanzaniya bazomutuvurira ariko ugutwara igihugu c’Uburundi ntavyo ashoboye, imigere ibiri ntitereka. Umugani wiwe Abarundi barihangana gutwarwa imyaka 10 yose n’umuntu adakomeye, ni umusaraba.

  • Abatutsi nibo biyita abanyagihugu mbese batwawe nabi ___??? none se abashaka nkurunziza , nabasbatamushaka koko nabaki ??? Nkurunziza si Kamara , aliko nanone coup etat , ngirango iyi niyo abatutsi baherukiyeho no kugerageza !!!! Kuko umuhutu uzongera kuyobora igihugu , azotunganya neza igisilikali , kuburyo niyo baillon blinde itazongera gukandagirwamo numututsi !!!! abatutsi bose bali bazi ibya coup etat !!! aliko ibihutu babishyira imbere !!!!!

  • MUTAMA IMANA IRIKO IRIYEREKANA NAHO MBONYE HARIHABANTU UMENGA NIBO BIREMYE PREZIDA WACU N’UMUKOZI W’IMANA KUMWIHANGA NUGUHANA N’IMANA MUZOBE MUSUBIRA KWIGEREZAKO

  • MOGADISCIO, le 17 mai (Reuters) -

    Le groupe islamiste somalien Al-
    Shabaab a nié une réclamation
    par le président burundais Pierre
    Nkurunziza le dimanche qu’ils
    complotaient une attaque contre
    le pays, appelant les allégations
    du président assiégé une
    distraction d’une crise politique
    dans son pays. Nkurunziza, qui a
    fait face semaines de protestations
    et d’une tentative d’éviction sur
    sa décision de briguer un
    troisième mandat, a fait sa
    première apparition dans la
    capitale burundaise dans les jours
    àdire qu’il a été «très préoccupé»
    par la menace posée par al
    Shabaab. "Nous pensons que cela
    est une tentative de sa part pour
    apaiser son peuple, qui se
    tiennent dans les rues pour
    protester contre sa dictature, ou
    pour détourner l’attention du
    monde de lui alors qu’il se
    prépare peut-être sa revanche de
    masse," Rage, porte-parole d’al
    Shabaab Sheikh Ali Mahamud dit
    dans une déclaration àReuters.v
    (Reportage par Feisal Omar, édité
    par Edith Honan)

    Somali Islamists deny Burundian president’s claim of planned attack http://dailym.ai/1bYuPia

  • Ahaaaa!!! ewe Nkurunziza reka guhenda amakungu. uremeje uvuge ku igihugu gitemba amata n’ubuki? amaraso n’amarira nivyo vyahindutse amata n’ubuki kundwi hapfa bangahe?

  • irambire mutama wacu wewe sebarundi dukunda mbega abo bahirimbiri ntibazi ahobiva nibaje kumavi basenge nabo Imana izibatere agateka kogutwara igihugu mugabo barekeke witwarire kuko Imana yarabiguhaye bahobaho turakwemera!

  • Mutama ivyo bipinga burya ntiwobimarira mugasho?nimba ubusho bwaga tubwire tuzokore urusangi tubwagure guma kwivora sokuru wanje

  • ndashimira,bimwebiteyeigomwe,qerezida,wacu,avuzeneza,cane,aragahora,uko,murakoze,

  • Intambwe y’a demokarasi ivugwa muri discours ya Nkurunziza , ubwo aratahura akamenya ko kubisikanya ku butegetsi ariyo nkingi ya demokarasi nyakuri ,ninde yomutahuza KO ari Nkurunziza Petero ariko arasubiza demokarasi inyuma mû Burundi?

  • Intambwe y’a demokarasi ivugwa muri discours ya Nkurunziza , ubwo aratahura akamenya ko kubisikanya ku butegetsi ariyo nkingi ya demokarasi nyakuri ,ninde yomutahuza KO ari Nkurunziza Petero ariko arasubiza demokarasi inyuma mû Burundi?

  • ndaramutsa abarund i ncuti zanje nitwiha na imana ikora ivyo barundi mumenye im ana kwariyo yatumye tubaho uwo sebaru ndi nawe yariremye ? nabivuge tubimeny

  • mbega yemwe,iyo wumva ngw abarundi barihangana,bazokwi-hanganira umuntu nka petero nkurunziza? sokwe,sokwe... : gashira amanga karagapfa...

  • President Wacu Tuzoguma Tugusengera. Imana Ikujimbere

  • Imbibe Zuburundi Ziruguruye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.