Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ku munsi mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ku munsi mpuzamakungu (...)

Ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ku munsi mpuzamakungu w’akazi

mercredi 1er Rusama 2013

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushobora vyose yo yatubungabunze gushika uyu musi, aho turamutse twifatanya n’amakungu mu kwigina umusi mukuru w’abakozi n’akazi, wama uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe.

2. Twifatanije cane cane rero n’abakozi n’abakoresha bose bo mu Burundi, mu kwibuka ingene uwo musi uhambaye mu buzima bw’abakozi watanguye.

3. Kw’izina rya Leta turongoye no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi n’abakoresha bose umusi mukuru mwiza. Abakozi n’abakoresha, muhurire hamwe, muyage akazi, muce hirya no hino ivyo mwaranguye, mushime canke mwinegure, muheze mufate ingingo nshasha, muhindure ingendo, kugira ngo umwimbu wiyongere mu mwaka w’akazi dutanguye.

4. Icivugo c’uno mwaka naco kikaba ari:Dushire imbere imigambi y’iterambere ishingiye ku kugwiza akazi no kubaho neza kw’abanyagihugu.
Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi,

5. Ico civugo gisaba umwe wese, cane cane Leta, gukubita agatima mpembero mu gusuzuma icakozwe ngo akazi kagwizwe. None twokwishimira iki muri iki gisata ?

6. Leta turongoye yaritwararitse kuronsa akazi abanyagihugu iciye mu migambi itandukanye. Uturorero ni nk’utu dukwirikira :

Ubwa mbere : Mu kwubaka canke gusubiramwo amabaraba asanzwe (y’ivu) , aya kaburimbi canke ayasaswamwo amabuye mu bisagara abakozi bashika 8.700 bakaba bararonse akazi. Iyo migambi yose ikaba ibandanya, akazi nako kakazoza karaboneka.

Ubwa kabiri : Mu kwubaka ingomero z’umuyagankuba nshasha, gusanura izishaje canke zononekaye no gukwiragiza amazi meza mu gihugu, tutibagiye mu gisata c’ubutare n’agataka, abakozi batari bake bararonse akazi, kandi bakazogenda biyongera uko imigambi izogenda irashirwa mu ngiro. Turasubiye kwibutsa abacukura ubutare ngo bakorere mu mashirahamwe, mu makoperative, bakwirikize amategeko na cane cane mu gukingira ibidukikije.

Ubwa gatatu : Mu buzi bwa Leta, aho bikenewe cane, nko mu gisata c’indero, Leta yarahaye ubuzi abakozi 4.756 bagizwe n’abarimu mu mashure y’intango, abo mu mashure yisumbuye n’abakozi bakora mu biro mu mashure yisumbuye.
Ahandi naho ni mu gisata c’amagara y’abantu aho uno mwaka Leta yahaye akazi abantu 350 bagizwe n’abaganga, abaforoma, n’abandi bafasha muri ico gisata.

Mu gisirikare naho hinjijwe intwaramiheto 961.

Muri rusangi, Leta yaronkeje akazi abakozi barenga gato 6.000 mu bisata vyayo.
Muri make, murumva ko ata buzi bwinshi bukiriho muri Leta, kuko mu bindi bisata ari ugusubiriza gusa abakukurutse, abahevye canke abitavye Imana.

Ubwa kane : Leta rero ibandanya yitwararitse umugambi wo kugwiza akazi mu gushigikira cane igisata c’abikorera utwabo, mu kworohereza abarwizatunga bo mu gihugu n’abava hanze y’igihugu gushinga imigambi y’iterambere. Muri uwo mugambi, amashirahamwe arenga 1900 yararonse uruhusha rwo gukora. Muri ayo, hari ayasavye gukorera mu vyo guhingura ivyimburwa n’ibindi, gukora urudandaza, gukora mu vy’ukwubaka, mu vy’amabanki, amagara y’abantu n’ibindi. Amafaranga ashobora gukoreshwa mu migambi y’ayo mashirahamwe akaba ashika imiriyaridi 206. Amwe yaratanguye gukora, ayandi aracitegura kandi ashobora gutanga ubuzi buramba burenga 2.000.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi

7. Uwo mwitwarariko Leta ifise wo kugwiza akazi watumye itegura umugambi uhambaye uzoshobora :

Guha akazi urwaruka rwo hagati mu gihugu rutari ruke, kurwigisha gutegura imigambi yo kwiteza imbere, kuruha imitahe yo gutangura imigambi rwiteguriye rwo nyene, no kuruha ingwati yo kurufasha kuronka ingurane mu bigega bitanga ingurane ntonto bizoba vyashimwe n’abatanze uburyo bwo kurangura uwo mugambi.

Uwo mugambi rero ukazoshobora gushirwa mu ngiro muri uwu mwaka nyene.

8. Twisunze uwo mugambi nyene, hazoshingwa ibiro mu ntara uzoba uriko urarangurirwamwo, bizoza biratororokanya ubuzi n’inyigisho bikenewe muri izo ntara, gurtyo Leta ishobore kumenya ivyo ikorerako bitomoye.

9. Nkuko tubisanga muri wa mugambi wa Leta wa kabiri wo kurwanya ubukene (CSLP II), biragaragara ko túdafise umugambi w’igihugu utomoye wo gutunganya no kugwiza akazi mu Burundi, bitokworoha kurwanya ubushomeri.

10. Ni co gituma Leta yituye abasanzwe badufasha nka BAD, PNUD, FIDA na BIT ngo badushigikire mu kuturonsa uburyo bwo gutegura uwo mugambi, ubu ukaba uriko urategurwa, tukizera ko ico gikorwa kizorangira muri uwu mwaka turimwo nyene.

11. Ingendo dushaka gushira imbere ya vyose kukaba ari uguhimiriza abarundi bose, na cane cane urwaruka, kwitegurira no kwirangurira bo nyene imigambi y’iterambere, bateko batange n’akazi.

12. Turakeje cane urwaruka rwumvise ako akamo, rukaba rusigaye rwitunganiriza imigambi aho guhanga amaso Leta, bigaragara ko atariyo izovamwo ubuzi bwinshi, gurtyo bakavavanura n’ingeso yo kwinenaguza akazi cane cane akazi k’amaboko.

13. Twese rero ni Dushire imbere imigambi y’iterambere ishingiye ku kugwiza akazi no kubaho neza kw’abanyagihugu . Iki civugo kikaba gihuye n’ic’uku kwezi kwa gatanu kivuga ngo : « Dushire hamwe, twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere rirama. Duhinduke, tumenye ko iterambere ridukomokako rikatugarukako ».

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi,

14. Iki civugo kandi kirerekana ko dutegerezwa gukora ibishoboka vyose, kugira dufashe abanyagihugu basanzwe barimwo n’imiryango y’abakozi ba Leta ngo babeho neza. Ivyo navyo bigaca mu ngingo nyinshi tugenda turafata ku neza y’igihugu.

15. Zimwe zimwe nazo ni nk’izi :

Iya mbere : Kuvuza ku buntu abavyeyi bibarukira kwa muganga n’abana batararenza imyaka itanu y’amavuko. Abatari muri uwo mugwi nabo tukaba duheruka kubategekaniriza ka gakarata ko kwivurizako bita mitiweri.

Iya kabiri : Imiryango y’abakora mu gisata c’amagara y’abantu yaroroherejwe ku buryo ivuzwa ku rugero rwa 80% irihiwe na Mitiweri, nayo ibice 20% bikarihwa na Leta. Tukizera ko ivyo biri mu vyari bikwiye gutuma bitaho neza kurusha amagara y’abanyagihugu.

Iya gatatu : Kwigisha ku buntu abana b’igihugu mu mashure mato mato, tukanabaronsa ibikoresho vy’ishuri bitari bike, tukabegereza n’amashure, gurtyo bikaremurura imiryango.

Iya kane : Twaratanguje umugambi w’ibigwati, kugira ngo twiteho kurusha ikibazo c’uburaro bwiza ku banyagihugu n’imiryango y’abakozi ba Leta irimwo, aho tubasahiriza mu kubaha ku buntu ibibanza, amabati n’umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba. Ku nzu imwe rero tukaba duterera ibikoresho biciye amafaranga arenga imiliyoni zitatu. Inzu zirenga 8.400 zikaba zimaze gusakarwa.

Ingingo ya gatanu : Twarafashe ingingo ihambaye yo gufuta ikori ku bakozi bahembwa na Leta batarenza amafaranga 150.000 ku kwezi. Abashika 62.874 ku 88.256 bakaba barahatoreye akoyoko kuko agashahara kabo gaca gasa n’akiyongereye, ni ukuvuga ibice 71% vy’abakozi bahembwa na Leta bose.

Ingingo ya gatandatu : Ku bandi bari basanzwe batanga ikori ku mishahara tukaba twararigabanije, ubu rikaba ari 30% aho kuba 35%. Tukamenya ariko ko abatahora baritanga nabo ubu baritanga.

Ingingo y’indwi : Mu gihe c’inzara n’iduga ry’ibiciro, twaragiye turafata ingingo zo kuramira abanyagihugu mu guheba amakori n’amatagisi atari make ku bifungurwa no ku bitoro.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi,

16. Mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’abakozi ubwabo no hagati y’abakozi n’abakoresha, Leta yarifatanije n’abaserukira iyo migwi, dutegurira hamwe amasezerano y’ibiganiro vyoba hagati ya Leta, abakozi n’abakoresha (la charte de Dialogue Social), ashira imbere kwama na ntaryo, tuyaga duhana ijambo ku bibazo vyose biraba akazi.
Umugwi w’igihugu ujejwe gushira mu ngiro ayo masezerano ukaba warashinzwe kuva mu mwaka uheze w’i 2012, tukawusaba gukora akazi washinzwe.

17. Mu bijanye no kunagura intwaro mu kazi ka Leta, imishahara y’abakozi isigaye ibashikira mu misi ya mbere y’ukwezi gukwirikira, bikaba atariko vyahora mu myaka iheze.

18. Mu gutegekaniriza kazoza abakozi nabo, ibisata bibijejwe nka INSS, ONPR, Mituweri… bibandanya vyisuganya kugira bikore neza kurusha uko vyahora. Ubu naho tukaba duheruka gutanguza icese ibikorwa vy’umugwi uzoshira mu ngiro umugambi wo gutegekaniriza kazoza abanyagihugu muri rusangi (Protection Sociale).

19. Mu ntumbero yo kubandanya dutunganya neza akazi kugira abakozi boroherwe, umugambi wo kunagura akazi ka Leta umaze gusigurirwa abakozi baserukira abandi mu ntara zose z’igihugu no mu baserukira inzego nkuru nkuru z’igihugu. Eka n’ivyigwa vyo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara biramaze gushika ku rugero rushimishije, biciye muri uwo mugambi nyene.

20. Duhimbaje kandi uwu musi mukuru wa mugambi wo gutunganya bushasha ivy’imodoka za Leta twita « Charroi zéro » uriko urarangurwa ahatari hake mu bisata vy’ubuzima bw’igihugu.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi,

21. Naho biboneka ko twagerageje, ikibazo c’ubushomeri ntikirahera. Ariko ntitwicaye, mbere nkuko twabivuze, imigambi yo guhangana n’ico kibazo ni myinshi. Aha ntawosiga inyuma intumbero ya Leta yo guhinyanyura inyigigisho mu mashure yaba mato mato, ayisumbuye na kaminuza, kugira ivyigwa bijane n’ivyo igihugu gikeneye. Ni muri iyo ntumbero mbere ishure shingiro ririko rirategurwamwo.

22. Ikindi kizotuma turwana urwo rugamba tukarutsinda ni ingendo nshasha yo kutagenza umutwe nk’uruyuzi. Nkako, twarashizeho umugambi ukomeye w’ingene twipfuza ko igihugu cacu coba kimeze mu mwaka w’i 2025, uwo nawo ukanonosorwa n’umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene. Dusaba rero umwe wese kuyisoma no kuyigira iyiwe, akanayisigurira abandi.

23. Tuboneyeho akaryo ko gusubira gutera akamo cane cane abakozi ba Leta ngo naho batsindiye gukora amasaha umunani ku musi, bamenye ko ayo asigaye boyikenuramwo, ntibayamarire mu bubare no mu kwinezereza gusa. Umwe wese niyitunganye, yihe ihangiro rya kazoza kiwe, yitunganirize umugambi yoshobora, yemere gufata ingurane, ivyo navyo bikamutuma hagira ico aheba mu vyo yahora ajamwo bimutesha umwanya, na burya umwanya nawo ari ubutunzi mu bundi.

24. Niko rero muri rusangi turashima ko abakozi benshi bakoze neza, bakaja inama n’ingingo n’abo bakorana n’ababakoresha,ivyo bikaba vyatumye amayegereyegere agabanuka. Nico gituma dutegekanya gutanga ubushimwe ku bitanze kurusha abandi kugira babere abandi icitegererezo. Abo bazohabwa ubushimwe sibo bonyene bakoze neza, ariko murabizi “abakunzi ntibaherera mu mubindi”.

25. Ariko rero turaneguye cane abagize ubunebwe ubuhizi. Aba ni bamwe birirwa ku marigara, abagabo benshi batana ibikorwa abakenyezi babo cane cane mu gihugu hagati. Abandi tunegura ni abamarira umwanya n’uburyo vyabo mu bunywero. Ibi vyose bituma igitigiri c’abakora kiba gito, abarya bo bakiyongera.

26. Turateye akamo abo bose bakirangwa n’izo ngeso ngo bihanure maze indongozi mu nzego, abatowe hamwe n’abakozi b’Imana bafashe cane mu guhimiriza abantu ku bikorwa babahaye akarorero keza. Abajejwe intwaro, abajejwe umutekano basubire bashimike mu kurwanya amarigara n’ububare bukora butubahirije amasaha.

27. Ico twomenya ni uko naho twokora gute, tudashobora gutera imbere abanyagihugu batagabanije umurindi bariko wo kurondoka ngo bavyare abo bo n’igihugu bashobora kurera no kuramura neza, bisigura rero ko ari ukugabanya imvyaro.

28. Iterambere rishoboka kandi ari uko ducungereye itunga ry’igihugu ntirisahurwe, gurtyo bakaboko n’abamunzwe n’ingeso y’igiturire ntibiganze mu gihugu.

Barundi, Barundikazi, Bakozi, Bakoresha, Ncuti z’Uburundi,

29. Imbere yo kurangiza, twashaka twibutse abanyagihugu ko umukozi wese azotekanirwa ari uko ari mu twiwe atanyaze abandi. Ni co gituma dusubiriye gushigikira igikorwa c’umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu gusubiza mu vyabo ababiteshejwe.

30. Tubanze twikwibukanye ko ibikorwa n’ishingwa ry’uwo murwi vyapfundikiwe mu biganiro n’amasezerano y’i Arusha maze bikaba vyagiye biraja mu ngiro buke buke.

31. Turashima ko kuva CNTB ijaho mu 2006 imaze kurangura ibikorwa vyinshi kandi vy’iteka. Nkako gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante uyu mwaka w’2013, mu matati yababa 35000, uwo murwi washoboye gutatura ayarenga 23500, ni ukuvuga ibice birenga 68%. Kandi muri ayo, ayarenga 14000, ni ukuvuga ibice birenga 60%, akaba yatorewe inyishu biciye mu mwumvikano, nayo ayarenga gato 6000 ni ukuvuga ibice 26% akaba ariyo yonyene vyabaye ngombwa ko ari CNTB ifata ingingo. Murumva ko ari igikorwa gishimishije naho kigoye.

Turakeje rero abatananye mu gusubiza ivy’abandi n’abataturubitse abo babisanzemwo. Ese bose bofata iyo ngendo nziza ! 32. Tuboneyeho akaryo ko gushimira kandi abo bose bari n’ico bafashije kugira ibikorwa vya CNTB biranguke neza na cane cane abaterereye ivyiyumviro mu mahuriro yagiye aratunganywa. Nkako kuja inama n’ingingo ku bibazo vy’igihugu twabigize ingendo.

Turabateye akamo ngo n’ubu babandanye bitegura guterera na burya muri uku kwezi kwa Rusama dutegekanya ihuriro rikomeye rizotumirwamwo abari mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu tutibagiye n’abanyepolitike kugira duterere cane impinyanyuro ku mabwirizwa agenga uyo murwi mbere n’ayo yose yofasha kugira ibikorwa vy’uwo murwi bigende neza kurusha.

33. Murumva rero ko abikinga ibisaka bakaja guteranya atawobaha nirwere kuko “umuhanuzi mubi angana umurozi”. Turateye rero ivyatsi abo bose bafashe ingendo igayitse yo kugumuka canke kugumura abandi ngo banke ingingo za CNTB, tubabwira ko ejo nabo bazobihanirwa kuko turakurikirana ivyo bikoza. Igihe naho vyoshika hakagira uwubona canke yikeka ko arenganijwe, inzego z’igihugu ziriho kugira zimutunganirize.

34. Turasavye abanyagihugu kwima amatwi abangushi, maze mugume ku bikorwa vy’iterambere vy’ingo zanyu, tutibagiye n’ibikorwa vy’iterambere rusangi. Twibuke ko akazi kenshi kari mu gisata c’uburimyi n’aho amatongo atera yaga. Ico gisata naco kikaba citwararitswe cane na Leta n’abasanzwe badufasha.

35. Turashimiye ibihugu n’amashirahamwe yaba ay’aha iwacu canke ayo mu mahanga yaterereye agacumu k’ubumwe kugira ubushomeri bugabanuke, maze abafise akazi nabo bagakore neza.Tukipfuza ko bobandanya badufata mu mugongo.

36. Tukaba turangije dusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko igihugu kitubakwa n’ibinebwe, cubakwa nyabuna n’abenegihugu baco, bagikunda kandi bagikorera. Nidushire rero imbere imigambi y’iterambere ishingiye ku kugwizwa akazi no kubaho neza kw’abanyagihugu.

Murakoze,

Umusi mukuru mwiza mwese.


Egide Nduwimana

Messages

  • Iyo rapport y’ivyaranguwe ni nziza. None habuze iki kugira n’ibindi tubishikeko? Turasavye Nyenicubahiro Nkurunziza atuje imbere mw’iterambere rirama. Erega ibihugu bibanyi vyadusize. Ubuhinga bwa none nibutezwe imbere ntibagume bubaka ibibuga vy’umupira w’amaguru gusa. Ubwo ayo mashure ariko arubakwa azohabwa abigisha bakwiye kandi babushitse? ibitabu vyo? Ba bana bahora biga ari ijana mw’ishure rimwe ubwo ntivyokosorwa? Ubukiriro bw’igihugu bubazwa Kizigenza. turakeneye politique utomoye iha akazi abanyeshure bahejeje amashure. Birababaje guheza kaminuza ugaca uja kwicara muhira.... mu kinjana ca gatatu turimwo ivyo vyari bikwiye kuba vyararenganye..... Ndipfurije umusi mukuru mwiza w’akazi abakunzi b’ikinyamakuru IGIHE

  • nukuri iyo raporot ishizwe hamwe izoteza imbere abarundi nabarudikazi turabire kukihu ngu cu gwanda cabure nibidi bihugu bimaze gutera imbere tuvuge nkubutaka bucukugwa muntara ya muyinga reta yaba ariyo ibucukura igihungu kiba kiteye imbere gose abakene bakaronka akazi dabipfurije umusi mwiza abarundi bose bari mugihungu cacu imana ibaje imbere mubukogwa mvyabo mvyamisi yose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.