Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikanguro riciye mu kugiriranira imbabazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ikanguro riciye mu kugiriranira imbabazi

Ikanguro riciye mu kugiriranira imbabazi

vendredi 25 Nzero 2013

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 24 nzero 2013, amashengero akorera muri commune kinama afadikanije n’ishengero rya ECPEBU mu mpfunyapfunyo y’igifaransa yarateguye igikorane c’ubutumwa bwiza gifise ijambo ry’urufatiro « KUGIRIRANIRA IMBABAZI » nkuko tubisanga mu njili yanditswe na matayo 5:7

Abitavye ico gikorane ni abaririmvyi bava mumashengero atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura n’ayo mu Rwanda. Aha twovuga nk’umuririmvyikazi Elevanie n’iyindi mirwi yaje iva i Butare n’i Cyangugu mu Rwanda. Haratumiwe abapasitori b’amashengero atandukanye yo mu Burundi no mu Rwanda n’abandi bakozi b’Imana batandukanye.

JPEG - 61.1 ko

Mubikorwa vyateguwe harimwo ibikorwa rusangi bizokorwa kuruyu wa gatandatu vyo gusukura ikomine ya kinama hanyuma kumuhingamo kuva isaha umunani hazoza haraba ibikorane. Umwigisha yigishije ejo yavuze ijambo rivuga ko« imbabazi duha zingana n’izo tuzohabwa n’Imana», kandi ko« umunyembabazi yamana intsinzi kuko ashigikiwe n’Imana».

Tubamenyeshe ko ico gikorane kizomara imisi ine, kikaba kizorangira ku munsi w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.