Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikanzu rurangiza ya Lupita Nyong’o yari yibwe yatowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ikanzu rurangiza ya Lupita Nyong’o yari yibwe yatowe

Ikanzu rurangiza ya Lupita Nyong’o yari yibwe yatowe

samedi 28 Ruhuhuma 2015

Ikanzu rurangiza y’umukinyi w’amareresi Lupita Nyong’o yari yibwe yatowe. Ayo makuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi co mu gisagara ca Los Angeles.

JPEG - 22 ko
Ikanzu yari yibwe

Ikanzu ikozwe mu bidede(Perles) bingana ibihumbi 6000 y’umukinyi w’amareresi afise ubwene gihugu bw’ibihugu vya Mexique na Kenya Lupita, yari yibwe ku munsi w’Imana uheze. Ico gihe Lupita Nyong’o yari mw’i "hotel" i Los Angeles" mu birori vyo gutanga agashimwe ka Oscar, ari naho iyo kanzu bivugwa ko yibiwe.

Nicole Nashida umuvugizi w’igiporisi c’i Los Angeles yavuze ati:" Hari ikanzu ishusha ni iyari yibwe yatowe"

Iyo kanzu ivugwa ko vyinshi yari yabiciye biracika mu birori vyo ku w’Imana igenekerezo rya 22 Ruhuhuma hari gutanga imidari y’ihiganwa rya Oscar ku ncuro ya 87. Ubushimwe bwatsindiye: Birman yabaye uwa mbere mw’ireresi ’Alejandro Inarritu, Julianne Moore, mw’ireresi "Still Alice",..eka ubushimwe bugera kuri 23 bwaratanzwe ku bakinyi b’amareresi batandukanye.

Mwomenya ko Lupita Nyong’o yari yatwaye ikibanza c’umukinyikazi w’amareresi wa mbere mu mwaka w’i 2014 mw’ireresi "12 Years A Slave". Iyo kanzu yari yibwe ariko yatowe ifise agaciro k’amadorari 150.000, aharurwa mu marundi angana imiriyoni 252.000.000.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.