Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibanza ca Karaveri Mbonimpa ntikiri mw’ibohero rya Mpimba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ikibanza ca Karaveri Mbonimpa ntikiri mw’ibohero rya Mpimba

Ikibanza ca Karaveri Mbonimpa ntikiri mw’ibohero rya Mpimba

vendredi 20 Ruheshi 2014

Abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ay’ibimenyeshamakuru vyigenga yagendeye Petero Karaveri Mbonimpa aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bakaba basubiye gusaba irekurwa ryiwe vuba bwango ata gisabwe.

Kuri uno wa gatanu w’urwatsi rutoto "Vendredi Vert", amashiramwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ay’abamenyeshamakuru yagendeye umutama Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH. Nk’uko Gereturuda Kazoviyo yabishikirije kw’izina ry’ayo mashirahamwe, icatumye bamugendera n’uko bashaka kumutera intege, kuko yapfunzwe azira ubusa. Gereturuda Kazoiyo agira ati : "Abantu bose barazi ko ikibanza ca Petero Karaveri Mbonimpa kitari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuko ata caha na kimwe yakoze atari gukebura Reta kugira irabe neza, ifate ingingo kugira igihugu ntikigire ingorane. Ariko hari abatashatse kuvyumva."

Abo bari muri ayo mashirahamwe yagendeye Petero Karaveri Mbonimpa bavuga ko uwo mukuru wa APRODH atari umuntu uwariwe wese kuko azwi kandi yubahwa haba mu gihugu c’Uburundi hamwe no hanze y’igihugu, umuntu akora atiziganya. Ku bwabo ni nk’ubutunzi bw’igihugu buryamitswe aho mu Mpimba ari naco gituma basaba ko bomurekura vuba bwango agasubira ku kivi atakirinze gusabwa.

Muri ayo mashirahamwe rero bavuga ko basanze Petero Karaveri Mbonimpa yifashe neza, mbere akaba yabasavye ko bobandanya urugamba, bagashigikira ibikorwa vyo guharanira agateka ka zina muntu.

Tubamenyeshe ko ayo mashirahamwe yaciye atangaza icese ko yongeye ikiringo co gutera igikumu kuri rwa rwandiko rusaba amatohoza (pétition) kuri abo bose bataronse akanya. Izo nzandiko bakazisanga ku vyicaro vy’ayo mashirahamwe.


Floxella Karire

Messages

  • MBE ABO MUBIHUGU VYO HANZE NATWE TWORURONKA GUTE? EREGA NATWE TURI ABARUNDI MURI AUSTRALIA TURARUKENEYE

  • sha mbona mumushigikiye kweli mugenda muba isinzi uko iminsi igenda irahita!!!!!bandanya..................

  • KOMERA LES SOCIETES CIVILES YABA ABARUNDI TWESE DUFISE URUNANI RUMWE NKAYO MA SOCIETES CIVILES NTAKARENGANYO KABA KARIHO. EREGA NAHO Edouard NA Saidi BANSE MANIFESTATION, BURYA NTIBABONYE KO YABAYE?? COURRAGES LES SOCIETES CIVILES D’ENCOURRAGE MUTAMA Mbonimpa.

  • Ico nico kibanza kimubereye ntibahirahire ngo bamukureyo tuzoba tugowe

  • Mbonimpa arakomeye gusumba ndadaye n,abahutu isinzi mwiciye kuri kaminuza ahubwo ako n,agasuzuguro kokwama mwibarabara ngo mufunguze umuntu afise amakosha.ahubwo muzogwara ihahamuka

  • Jewe ikintagaza n’uko kuntu abo baserukira abandi muri societe civile bavuga ko baharanira agateka ka muntu, bagashaka gushigikira Mbonimpa ariko ntibemere ko hari amakosa yakoze. Ico nticari gikwiye ku bantu nka bariya. Nivyo ikibanza ca Mbonimpa nticari gikwiye kuba mu mpimba. Ariko nta n’umwe ari hejuru y’amategeko. Umuntu uwariwe wese amaze gukora ibinyuranije n’amategeko ategerezwa kubigaramira. Naho kuvuga ngo Leta nikore amatohoza, none Mbonimpa vyagenze gute mugusimbira kw’isunzu atangaza ibintu nka biriya vy’agacamutwe atabanje gutohoza. None karashize ingani Leta itange uburyo bwo gutohoza ku mafoto yasohotse muri 2013 ku bijanye na M23 yo muri RDC akaza kwagirizwa Leta y’Uburundi?!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.