Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza ca PSR cuzuye imiduga yahebwe na banyeneyo
Ikibanza ca PSR cuzuye imiduga yahebwe na banyeneyo
lundi 18 Munyonyo 2013
Igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kimenyesha ko mu minsi iza kigiye kuzobura aho kija kirashira imiduga, amakinga n’amapikipiki gifata, kuko ikibanza ca PSR (Police Speciale de Roulage) kigiye kwuzura imiduga.
Arthemon Nzitabakuze asanzwe arongoye PSR avuga ko umuduga ufashwe uri mw’ikosa, i pikipiki canke ikinga, baca babijana muri PSR mu kurindira ko nyeneyo aza kwisigura kugira ashobore gutwara ingendeshwa yiwe, muri ico gihe avuga ko hari abaza, n’abandi bahitamwo guhebera izo ngendeshwa zabo muri ico kibanza, ari naco gituma amenyesha ko mu minsi iza, bazobura aho bashira iyindi miduga bazoba bafashe iri mu makosa.
Muri ico kibanza ca PSR, hakaba hari ubwoko bw’inshi bw’ingendeshwa biboneka ko nyinshi zazanywe ngaho ari ukwo zabanje kugira amasanganya. Ubu izi tari nke zikaba zihamaze igihe kinini, ku buryo usanga ndetse zaramaze no kumera ivyatsi mu nsi. Umukuru wa PSR akaba amenyesha ko muri izo modokari canke amapikipiki ari ngaho, usanga nyinshi ziba zidakingiwe mu mashirahamwe yo gukinga impanuka, zimaze gutera amasanganya mu mabarabara, banyenezo bagasabwa gusanura ibiba vyononywe n’izo modokari zabo. Benshi bakaba bazirekera aho, mu gihe usanga baciwe amahadabu badashobora kuronka.
Avuga ko izo modokari ziguma muri ico kibanza gushika uruhusha rwo kuzikuraho ruvuye mu butungane, kuko imanza z’ababa bagonganye ziheza zikarungikwa mu butungane. Iyo bavuze ko nyene umuduga yoza kuwutora, arawutwara, uruhusha na rwo, rwo kuwutora rutaraboneka, iyo miduga ikaba ica iheza ikaguma muri ico kibanza. Iyo ngorane y’ico kibanza, avuga ko ubu ija yaramaze gushikanwa mu bushikiranganji bakukira bw’umutekano w’abanyagihugu, kugira bavugane no mu bushikiranganji bw’ubutungane, baheze barabe icokorwa. Aheraheza asaba abagendesha ivyuma bica mu mabarabara, kwirinda gutera amasanganya, kugira ntibarihe amahadabu, bakurikize amategeko y’amabarabara.
Aristide Nizigire
Messages
18 Munyonyo 2013, 20:35, par nduwimana
iriko.mwenizo .bazitangacamunara,bakazigurakurimake.mwabayegute
19 Munyonyo 2013, 14:21, par Richard
Nimuzikubite ibeyi...ko mwatevye gutanga itangazo?
20 Munyonyo 2013, 03:15, par Henry NTIBASHIRAKANDI
Ko bagirwa vyerekana ko bazipanga nabi.Nibaje barazige rekeranya canke baje guzibika ahandi (ntihobura bashatse kubikora).Izononekaye cane bazijane kw’iyarara maze ubukene bw’imbabura tubwibagire