Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza "Le Grenier du Burundi" ejo aho bukera kirugururwa
Ikibanza "Le Grenier du Burundi" ejo aho bukera kirugururwa
vendredi 31 Rusama 2013
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yashikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2013, ko ikibanza "Le grenier du Burundi" kigiye gusubira kwugurura"
Ico kibanza abatari bake bari bamaze imisi basaba ko cokwugururwa kugira abadandariza ivyamwa n’imboga mw’ibarabara kuko isoko yahiye bakagikoreramwo.
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ico kibanza kizokwugururwa ejo aho bukera igenekerezo rya mbere Ruheshi 2013.
Umushikiranganji Edouard Nduwimana w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma yo kubona akajagari hamwe n’umucafu birangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Floxella Karire