Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo c’abagomba kuja muri kaminuza cungururijwe mu kwezi kw’umunani
Ikibazo c’abagomba kuja muri kaminuza cungururijwe mu kwezi kw’umunani
vendredi 3 Mukakaro 2015
Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye,bwafashe ingingo yo kwigiza inyuma isango ryo gukorerako ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.
Umuvugizi w’ubushikiranganji Juma Edouard yavuze ko inyuma y’inama y’akazi yahuje ubushikiranganji n’amashuri yo mu gisagara atunganya kandi akakira abakora ico kibazo,hafashwe ingingo yo kwigiza inyuma ico kibazo kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 6 Myandagaro.
Juma Edouard yavuze ko mu ndwi zitatu ziri imbere,amashuri yisumbuye yo mu gisagara n’amwe yo mu gihugu hagati,azokora kugira aheze intonde z’ivyigwa nkuko bitegekanijwe mu bushikiranganji.
Mwomenya ko hari amwe mu mashuri ataraheza intonde z’ivyigwa,bivuye ku myiyerekano yabaye hamwe mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zo hagati mu gihugu.
Messages
3 Mukakaro 2015, 16:18, par emmanuel ndabashinze
mugutora ikibazo ca reta bobanza kuraba neza ko bose bahejeje intonde z’ivyirwa.canke bagatanga aho bogeza mukwiga.kuko imyiherekano yatwaye umwanya munini.
3 Mukakaro 2015, 19:49, par GERARD
Haaa!kugikorantibigoy hagoyumutekano.nubu nambabishoboka mwocunguruje ubugirakandi kukumutekanontiwifashe.nonebocabagikorerah?
3 Mukakaro 2015, 21:23, par Nsh Imana
Nisawa Kabisa Nivyiza Cane.Abarundi Bariko Baratahura Bimwe Bimwe.Nibindi Bizohava Bitora Umuti.Sawa Kabisa
3 Mukakaro 2015, 21:59, par Vital Nita Miami NIMUBONA
kugira ico kibazo gikorw nuko bos boba bamaz program none kuri ets kamenge nta stage barakora frais de stage barans kuyataga abanyeshur kugira bav kwishur barinz kurasa urufayo rwamasas nabo gusubirayo numuti non hazobanza hakorwe ikibazo stage ziz ubwanyuma? burya b4zoroha?
5 Mukakaro 2015, 21:26, par KIRENGE
MBE SHA BAGIKORA NGO BAJE
HEHE?KO MBONA BENGA INAMA
NSHIKIRANGANJI ITANGAZA
AMANOTA ;UMUSHIKIRANGAJI
AGACA AGIRA IVYIWE.
IVYUBU NI DANGER.
16 Mukakaro 2015, 21:58, par LILY WAYNE
NIVYO GITEGEREZWA GUKORWA KUGIRA TWIMARIRE AMASHURI NTABWOBA IMANA IRATUBONA
16 Mukakaro 2015, 22:01, par LILY WAYNE
NIVYO GITEGEREZWA GUKORWA KUGIRA TWIMARIRE AMASHURI NTABWOBA IMANA IRATUBONA