IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abigisha cabaye ndanse

Ikibazo c’abigisha cabaye ndanse

vendredi 15 Ntwarante 2013

Abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya Kibuye muri komine Rugazi y’intara ya Bubanza ejo kuwa 14 Ntwarante biriwe bugarije ibiro vy’uwujejwe indero muri iyo komine. Abo banyeshure bavuga ko ikibazo nyamukuru catumye bitura ivyo biro ari ubukene bw’abigisha.

Iryo shure rigeze mu mwaka w’icumi, ariko kugeza ubu, rifise abigisha batarenga batandatu. Inkurikizi z’ivyo vyose, ni uko gushika uno musi atakibazo na kimwe kirakorwa kuri iyo shure, mu gihe ahandi hose mu gihugu, bagiye gutangura indwi yanyuma y’ibibazo kuko haheze indwi irenga babitanguye.

Uwujejwe abakozi mu biro vy’indero mu ntara ya Bubanza iryo shure rya Kibuye risanzwe rikukira, avuga ko ibintu bigoye bikiriko, kuko na Leta yabahaye igitigiri gito cane c’abigisha bashasha bagiye guhabwa akazi, ugereranije n’abakenewe.

Abo bana baraniyamiriza umuyobozi wabo, bakaba bamwagiriza ko nawe nyene gutunganya neza ivy’ishure vyamutaye kuw’amazi


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.