IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’ihohoterwa rifatiye ku gitsina gikwiye gutorerwa umuti

Ikibazo c’ihohoterwa rifatiye ku gitsina gikwiye gutorerwa umuti

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Intambara, ubukene, n’ukudahanwa n’amategeko ni bimwe mu bituma igitigiri c’abafatwa ku nguvu n’abahohoterwa ubuzima bwabo kiguma congerekana mu karere k’ibiyaga bigari, n’Uburundi burimwo.

Amashirahamwe yishinze kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abana bakiri bato yo mu karere k’ibiyaga bigari yahagurukiye rimwe kugira yigire hamwe ukungene ico kibazo cotorerwa inyishu burundu.
Ubushikiranganji bw’ubutungane bwifadikanije n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu bwatunganije inama kuri uwu wa gatatu wa 9 Ndamukiza yo guhanahana ivyiyumviro mu ntumbero yo kwigira hamwe ikibazo c’amabi afatiye ku gitsina akorerwa abakanyezi.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vyo kwigira hamwe ukungene ikibazo kijanye n’amabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi cotorerwa inyishu itomoye, uwaserukiye umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi yamenyesheje ko mu gisata c’Ubutungane hari amategeko akingira agateka k’abakenyezi n’abana ku mabi abakorerwa. Ingingo ya 22 mu gitabo c’amategeko mpanavyaha ikavuga ko atakumirwa na rimwe rifatiye ku gitsina rikwiye kuhaba. Abayirengako batafirwa ibihano bijanye n’iyo ngingo.
Iyo habaye ihohoterwa rifatiye ku gitsina, inkurikizi ntiziba gusa ku magara y’umutu, ariko no mu kibano, aho haca haba ikumirwa kuwahohotewe ubuzima hamwe no ku butunzi bw’igihugu, kuko uwahohotewe ataba akibasha gukora nk’uko yahora.

Kubw’uwaserukiye umushikiranganji wo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu, ikibazo co gufatwa ku nguvu, na cane cane abakenyezi n’abigeme kiguma ciha inkumbi mu karere k’ibiyaga bigari, n’Uburundi burimwo.
Ukudahanwa ruhasha n’amategeko kubabikora, ukudacira imanza abagirijwe, hamwe no gukandamiza mu gutera ubwoba uwafashwe ku nguvu kugira ntabivuge, bikaba bikiri mu ntambanyi zituma ubwo bubegito budahera mu gihugu. Bituma haba inkurikizi zishobora gutuma n’igihugu kitoroherwa mu butunzi bwaco, kuko igitigiri c’abana bavuka gica ciyongera, hamwe n’abakenyezi bapfa kare kubw’uko baba bahohotewe ubuzima. Aho mukibuka ko umukenyezi afise uruhara runini mw’itunga ry’umuryango.

Amashirahamwe yishinze kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu Burundi asaba ko Reta yoshinga amategeko ahana ruhasha abakora amabi yo gufata ku nguvu abakanyezi n’abigeme, hamwe n’abahohotera ubuzima bwabo.

Tubamenyeshe ko ikibazo co gufatwa ku nguvu hamwe n’amabi akorerwa abakenyezi kimaze gushikirizwa mu nama nshingamateka y’Uburundi, kikaba kiriko kirirwa ubu n’abajejwe kwiga amategeko.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mwese muriko murihenda caane,ifatwa kunguvu kubana aho jewe ndategera neza kwaribara kumutemere,nibintu bitanunvikana nukuri!,ariko rero tuvuganye ukuri.ifatwa kunguvu ryabagore canke abakobwa bakuze ,abenshi nibo bivako!,nibo bavyikwegera nukuri,Ehe namwe murabe inyambaro yabo bagore na bakobwa,basigaye bagenda barahenera bantu,ibibero,amatako,ikibuno,ikiyunguyungu,ivyo vyose ndondaguye babigendeza hejuru,emama ngo niyo majambere,jewe ndemeza ko gufatwa kunguvu aribo bavyikwegera,nibambara bakikwiza ndazi ko ayo mabi azohagarara.bongere baze barataha hakirikare,nayubu usanga umugore canke umukobwa hagera isasita zijoro akiri mububare,canke mubutambiro.nkuyo yubura gufatwa kunguvu gute???,ndasavye ko igitsina gore nibambare bikwize bongere batahuke hakiri kare ayo mabi azohera neza cane,nibo nkwezi yamarere abo nyene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.