Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’inkino za CAN 2015 cari gihanze CAF catorewe umuti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikibazo c’inkino za CAN 2015 cari gihanze CAF catorewe umuti

Ikibazo c’inkino za CAN 2015 cari gihanze CAF catorewe umuti

vendredi 14 Munyonyo 2014

Inyuma yaho igihugu ca Maroc cankiye kwakira inkino za CAN 2015, ikibazo cari kiraje ishinga ubuyobozi bwa CAF aho hari ubwoba ko ihiganwa rishobora gusiba, catorewe inyishu.

JPEG - 23.8 ko
Issa Hayatou arongoye CAF

Inama yahuje Issa Hayatou arongoye ishirahqmwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Afrika CAF na Teodoro Obiang Nguema Mbasogo arongoye igihugu ca Guinnee Equatoriale, abo bagabo bumvikanye ko inkino za CAN 2015 zobera aho muri Guinnee Equatoriale.

Igihugu ca Guinnee Equatoriale cabaye inyishu y’ibibazo vyari vyugarije ibiro vya CAF ku bijanye naho inkino za CAN 2015 zobereye, inyuma yaho igiguhugu ca Marov cankiye kuzakira kubera ugutinya ikiza c’indwara ya Ebola. Ico gihugu nyene gifadikkanije na Gabon vyaratunganije inkino za CAN mu mwaka 2012.

Inkino za nyuma zizobera ku bibuga bikurikira: Malabo, Bata, Mongomo na Ebebiyin. Uko imirwi izohura ( Tirage au sort) bizoba kw’igenekerezo rya 03 Kigarama 2014.

Tubibutse ko inkino zizotangura kw’igenekerezo rya 17 Nzero zihere kurya 8 Ruhuhuma umwaka w’i 2015.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.