Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’irigi n’inkoko coba kijanye n’ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ikibazo c’irigi n’inkoko coba kijanye n’ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...)

Ikibazo c’irigi n’inkoko coba kijanye n’ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza?

lundi 9 Ntwarante 2015

Abasoma amategeko ntibabone ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amaze gutwara ibiringo bibiri, basoma amategeko bayacuritse nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’urunani RANAC Dushayuruburundi bwogorore.

Francois Bizimana umuvugizi w’urunani RANAC Dushayuruburundi

Francois Bizimana umuvugizi w’urunani RANAC Dushayuruburundi Bwogorore, akaba yavuze ko mu mwaka w’2005, Petero Nkurunziza yatowe n’abashingamateka n’abakenguzamateka baserukiye abanyagihugu nabo bari babatoye. Mu mwaka w’2010 naho, abo banyagihugu bakaba baramwitoreye. Amenyesha ko, umukuru w’igihugu atorwa n’abaserukiye abanyagihugu canke agatorwa n’abanyagihugu, yose n’amatora, kandi ikiringo atwaye cose citwa ikiringo nk’uko bivugwa n’uwo muvugizi w’urunanai RANAC.

Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD

Ivyo uwo muvugizi w’urwo runani akaba abivuze inyuma y’aho hari abasigura ko umukuru w’igihugu amaze kwitorerwa rimwe n’abanyagihugu, ko afise ubundi burenganzira bwo kwitoza. Pascal Nyabe mu ntara ya Makamba ati :’’Abasigura ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, n’inkababaza hagati y’irigi n’inkoko, icoba caratanguye kubaho. Bamwe bavuga ko ari inkoko, abandi bati ni irigi’’. Abwira abagumyabanga ko bamaze kwitorera umukuru w’igihugu rimwe gusa, ubu bakaba barindiriye ico sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yobivugako.

Tukabamenyesha ko muri ino ndwi twaraye turangije, havuzwe vyinshi ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza n’abantu batandukanye, batari bwigere bamenera inda ku rutoke ku bijanye n’ico kiringo. Abasenyeri Gatorika bariyamirije ico kiringo ca gatatu kinyuranye n’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro, mu misa yose yasomwe kuri uyu w’Imana. Ubumwe bwa Buraya hamwe na Reta zunzubumwe z’Anerika, bose bakaba bamenyesheje ko ikiringo ca gatatu kidakurikije amategeko, mbere kigashobora n’ugucanishamwo abarundi, umuntu yumvirije ibivugwa n’abantu batandukanye mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Mbabantu twashizimbere ngobaduserukire gayemwe basigaye basumbwa numunyagihugu yivugirako ivyokuja muvyintwaro atavyoyoshobora atariko niteguye kuyoboka? Uwomuntu nzikwari mugitigiri cibihangange dufise ngaha muburundi umwumvirije ivyavuze mwomengo nibabanyagihugu iyubabwira democratie batamenya icobisigura aho bivugira ko Nkurunziza arukuzotwara ibihevyose vyokubaho kwiwe, bakibagirako mugihe bazoba bahejeje kumutora kabiri nubwovyogendagute ntazosubira kwitoza.

    UYUMUGABO FRANCOIS BISIMANA, ARUBAHUTSE ARAVUGANGO : UMUKURUWIGIHUGU ATORWA NABASERUKIRA ABANYAGIHUGU!!! MBEGAYEMWE ABOBAGABO BISHINGA GUSOMA IZOGA NTIBIBUKE GUSOMA IBWIRIZWASHINGIRO RYIGIHUGU CABO CU BURUNDI? UWOMUBAZA IVYOYAVUZE AHOVYANDITSE MWIBWIRIZWA SHINGIRO YOHATWEREKA? NAMBAHARIHO NABISHIRE NGAHANYENE KWURURUKUTA ATWEREKE UBUNARARIBONYEBWIWE AHOBURI!.

  • We wiyita nuwera,urafise ingorane nyinshi cane kuko bizimana yize amategeko kandi naje niyo nize,rero genda witonde usome ibwirizwa shingiro urabibona,nayo gupfa kwandika ibintu wikuriye mu mutwe utazi nibiriko biraba mu gihugu ,ni wihorere wirire agakate mugabo kagiye guhera kuko imisi iyo Leta yibijuju isigaje igihe gito.

  • Tharcisse, somaneza ivyonanditse urazGusangamwo ubwobuhangange bwanyu twaridusanzwe tubaziko musivaye musumbwa numunyagihugu atigeze ajakwushure. Navuzati: Natwandikire ngaha kwururukuta biryabintu yapapabije avugango umukuru wigihugu atorwa nabaserukira abanyagihugu ahovyanditse, ndazikwibwirizwashingiro worisoma bukira arikonagsrageze atwereke akokagingo nakakangahe kabivuga?. Jewe ubunsigaye maramara iyondomondabwirabantu konize amashuremeshi kubera bagenzibanje bizekanje mbese nomundusha ivyobiko mwakinogihe bisigaye bisesemye!.

  • Hafashimana Paul Mwaro Jewe Niyumvira Kwitoza Kwa Nkurunziza Jemvuka Hagatimugihugu Ndavye Ivyoyadukoreye Nivyiza Ariko JeNashaka Abandanye Atwara Vyase Nahe Uwundi Maga Ivyobavugango Bigenda Nabi Bidahindutse Tuzomwiyamiriza Natwe Ruguru Ntamyiyekano Tugirako Tuzocatuyigira

  • jewe.coniyumviri.nukotworeko.imigumuko.kugira.igihugu.ntikijemuntamara.arikotumenye.ahotuzotora.tunye.yukwo.igihugu.arigwacu.kandi.aritwibwe.tububaka.kandi.migumukontacimaze.igikurunubwinge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.