IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’umushahara w’abagisha kigiye gukemurwa

Ikibazo c’umushahara w’abagisha kigiye gukemurwa

vendredi 7 Ruheshi 2013

Ikibazo c’abigisha c’umushahara w’ukwezi kwa gatanu batari bwaronke catorewe inyishu.
Mu kiganiro umushikiranganji w’abakozi n’akazi yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko uwo mushahara wabo bazowuronkera rimwe n’uw’ukwezi kwa gatangatu.

Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko bari bahagaritse uwo mushahara kuko mw’ikete ryo kugabisha guhagarika akazi abaserukira CONAPES bari batanze batari batomoye ikiringo bizomara.

Ivyo akaba yavyishuye mu gihe sendika CONAPES biciye mu rwandiko bashize ahabona yari yamaze kugabisha ko ku musi wa mbere bazosubira guhagarika akazi.


Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.