Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa inyishu: Uburundi n’Urwanda (...)
Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa inyishu: Uburundi n’Urwanda bazohungukira
dimanche 26 Rusama 2013
Mu rugendo yahoramwo mu karere k’ibiyaga binini, Jim Yong Kim, umukuru wa Banki y’isi yose yaremeye intererano y’amafaranga angana imiliyoni 340 z’amadolare ku bihugu bihurikiye mu karere b’ibiyaga binini.
Iyo ntererano ikaba izofasha mu mugambi wo kwubaka urugomero rwa Rusumo rwa mégawatts 80 zizoshobora guha umuyagankuba ibihugu vy’Uburundi, Rwanda na Tanzaniya.
Muri iyo ntumbero, ayandi mafaranga angana n’imiliyoni 150 z’amadolare azotangwa na Banki y’isi nyene, ayo nayo akaba azofasha gusanura ingomero za Ruzizi 1, Ruzizi 2 hamwe no kwubaka Ruzizi 3.
Izo ngomero zose nizaheza kwubakwa, zizoshobora gutanga umuyagankuba ku Burundi, Rwanda na Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ivyo navyo bikazofasha kandi Uburundi n’Urwanda kuronka umuyagankuba ku biciro bitavuna.
Egide Nduwimana