Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiganiro hagati y’abo vyega ku mategeko yo gusaba gutunga umwana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ikiganiro hagati y’abo vyega ku mategeko yo gusaba gutunga umwana (...)

Ikiganiro hagati y’abo vyega ku mategeko yo gusaba gutunga umwana utavyaye

mercredi 15 Rusama 2013

Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’ukudakumira bwaratunganije kuva ejo ikiganiro kizomara imisi ibiri hagati y’abajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri ubwo bushikiranganji hamwe n‘abakorera mu bisata vyo kuronderera abana imiryango ibarera.

Inyuma y’intambara, abana batari bake baracitse impfuvyi, abandi nabo batandukana n’abavyeyi babo kubera ubukene, bajana gutungirwa mu burerero, tutibagiye abatabwa bakiri inzoya.

Imiryango ibipfuza iraheza ikasaba kubahabwa ngo babarere, bacike nk’abana babo bwite, ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa « Adoption ». Biraboneka rero ko mu Burundi, haba abatanga abo bana, haba abo baje kubasaba ko badakurikiza amategeko, rimwe na rimwe usanga nabo nyene batari bazi.
Nico catumye ubwo bushikiranganji butunganya ikiganiro hagati y’abo vyega kugira bahanahane ivyiyumviro ku mategeko no ku nzitizi boba bahora bahura navyo.

Ignace Ntawembarira, umuyobozi mu bushikiranganji bw’ugufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’ukudakumira amenyesha ko uretse n’iyo miryango isaba gutunga abana nk’ababo, hari n’abarundi benshi kubera ukutamenya bashobora kutunga umwana kuva akiri muto, hagera ko atorana bakamwihakana kandi bari bamureze imyaka, bamuhata nk’uwabo.

Ignace Ntawembarira, umuyobozi mu bushikiranganji bw’ugufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’ukudakumira

Abakorera muri ico gisata barakenguruka cane ico kiganiro categuwe n’ubushikiranganji kuko nabo gaca kaba akaryo ko guhabwa umuco ku ntambamyi bahora bahura nazo muri uwo murimo wabo.

Sonia Brahim wo mw’ishirahamwe ADDIS GALICIA ryo mu gihugu ca Espagne risanzwe rifasha guhuza abana n’imiryango ibakeneye avuga ati: "Leta nize iradufasha kuko turondera ineza y’abana mu kubashikana mu miryango ibakeneye kandi ibakunda, tukabavana mu marerero y’impfuvyi no mw’ibarabara."

Sonia Brahim wo mw'ishirahamwe ADDIS GALICIA

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.