Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo API catanguye gukarihiriza ubwenge abakenyezi bikorera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo API catanguye gukarihiriza ubwenge abakenyezi bikorera (...)

Ikigo API catanguye gukarihiriza ubwenge abakenyezi bikorera utwabo

samedi 30 Myandagaro 2014

Kubafasha gutunganya imigambi ishimishije hamwe no kubafasha kugira baronswe ingurane mu mabanki n’amahsirahamwe yo kuguranana, nivyo vyatumye ikigo API kiri kumwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi AFAB batunganya uruganda rwo gukahiriza ubwenge abakenyezi 20 n’abigeme basanzwe bikorera utwabo, hamwe n’abasanzwe bahejeje amashure.

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 30 Myandagaro, ikigo gisanzwe gifasha abanyamitahe API (Agence pour la Promotion de l’Investissement), kiri kumwe n’ikigo ISGE (Institut Superieur pour la Gestion des Entreprises) hamwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi AFAB cuguruye icese uruganda ku bakenyezi bashaka gutanguza imigambi yabo mu bijanye n’ubuhinga bwo kwandika imigambi, hamwe no guhimirizwa ku bijanye n’uturyo duhari.

Mw’ijambo ryiwe, uwurongoye ikigo API, Antoine Kabura, yamenyesheje ko ribaye irya mbere ico kigo gitangura gufasha abanyamitahe b’abakenyezi, kuko kare cahora gifasha urwaruka. Muri uno mwaka w’2014, mu kigo API bashimye gushimikira ku bakenyezi, kuko kubw’uwurongoye ico kigo, gutanga inyigisho ku bakenyezi ni nko kwigisha igihugu cose, kandi guteza imbere umukenyezi bisa no guteza imbere igihugu cose. Ivyo rero bazobikora babicishije mu nyigisho zo kubongerereza ubushobozi, mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane y’ubusumbasumbane bw’igitsina bwibonekeza mu gisata c’ubutunzi n’amahinguriro mu gihugu c’Uburundi.

Ikigo API kikaba cegereye ishirahamwe ry’abakenyezi b’abanyamitahe AFAB, kugira gifashe cane abo bakenyezi bipfuza gushinga imitahe. Ariko rero, n’ubwo biri uko, Antoine Kabura, umukuru w’ikigo API amenyesha ko ibijanye no gukarisha ubwenge bitoroshe, kuko ababikeneye ari benshi, bigaca bigorana kugira bashobore gutora abakenyezi bafise ukwo gushaka kwo gutanguza imitahe yabo. Ikindi naco ni ingorane y’uburyo, nk’uko bibandanya bisigurwa na Antoine Kabura.

Kubwa Claudette Ngendandumwe, umukuru w’ishirahamwe AFAB (Association des Femmes Entrepreneurs du Burundi), igituma babikoze, n’uko usanga abakenyezi ata bumenyi bukwiye bafise, bagahura n’ingorane zitari zike, na cane cane izijanye no kubura imitahe,kubura ingwati, ingorane z’ubumenyi budakwiye, ari naco gituma bagomba guhera hasi kubafasha gutegura imigambi ishobora gushika imbere.

JPEG - 1.2 Mo
Claudette Ngendandumwe, umukuru w’ishirahamwe AFAB (Association des Femmes Entrepreneurs du Burundi)

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.