Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SHIKA AWARDS 2014 uwambere yaronkejwe ingurane ingana imiriyoni 20 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > SHIKA AWARDS 2014 uwambere yaronkejwe ingurane ingana imiriyoni 20 (...)

SHIKA AWARDS 2014 uwambere yaronkejwe ingurane ingana imiriyoni 20 z’amarundi

samedi 29 Munyonyo 2014

Igisata c’abakorera ivyabo gifasha abanyamitahe guteza imbere imigambi yabo "BBIN"caratanze ubushimwe ku bagwiza tunga bato bato bari bamaze igihe bahabwa inyigisho zijanye no guteza imbere imigambi yabo. Mw’ihiganwa ryabaye, batatu ba mbere barahawe ingurane yobafasha kurangura imigambi yabo.

JPEG - 44.5 ko
Batatu ba mbere: i Bubamfu "Kana Soya Milk, hagati: Chalk Chain Enterprise", i buryo: Alimentary Company Limited

Mw’ijoro ry’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2014, "BBIN"yaratunganije igikorwa gikomeye cokwerekana abagwiza tunga bakiri bato n’imigambi yabo imbere y’abanyamitahe, amabanki hamwe n’abaserukira ibihugu vya Reta Zunze z’Amerika n’Ubuholande.

Pierre Claver NDUWUMWAMI arongoye BBIN avuga ko intumbero y’ico gikorwa ari kwereka abagwizatunga n’abanyamitahe urwaruka rufise imigambi ikwiye gushigikirwa. Harerekanywe isanamu y’abagwiza tunga 14 bagitangura imigambi yabo. Umwe wese muri abo 14, yaravuga bishasha umugambi wiwe uzanye, urugero rw’akazi bagiye gutanga hamwe n’umutahe bakeneye kugira umugambi wabo ushike kw’ihangiro.

JPEG - 126.3 ko
Pierre Claver NDUWUMWAMI: BBIN

Inyuma yaho, 12 muri abo banyamitahe barahiganiwe agashimwe kitiriwe SHIKA AWARDS 2014. Ibikombe vyahabwa batatu ba mbere bahejeje gusigura imigambi yabo imbere y’ishengero ry’abatumire, mu mwanya ungana umunota n’inusu(1min 30sec). Batatu ba mbere ni: 1) Ishirahamwe rikora ingwa "Chalk Chain Enterprise", 2) ishirahamwe Alimentary Company Limited rihungura amata avuye mu giterwa c’isoya, 3) KANA Soya Milk.

Nk’uko Pierre Claver NDUWUMWAMI arongoye BBIN avuga, ibikombe vyatanzwe bifise akamaro kanini iruhande y’iteka nogutera intege ababironse. Na ntaryo, uwa mbere yatsindiye SHIKA AWARDS 2014 yaronkejwe ingurane ingana imiriyoni 20 z’amarundi(20millions fbu), uwa kabiri imiriyoni 15 z’amarundi(15millions frbu), uwa gatatu ingurane y’imiriyoni 10 z’amarundi(10millions fbu). Izo ngurane zizotangwa n’ibanki BCB kugira ishigikire imigambi y’abo banyamitahe.

NDIZEYE Aime arongoye ishirahamwe "Chalk Chain Enterprise", avuga ko ishirahamwe ryiwe rigiye kwongereza uko rwahora rikora mu gutanga ingwa ku mashuri yose yo mu Burundi hamwe no gutanga ubuzi. Atera akamo urundi rwaruka ko rwokwubahuka rugashira imigambi yarwo ahabona maze rukitura ibigo nka BBIN.

JPEG - 37.4 ko
NDIZEYE Aime yatwaye igikombe

Mwomenya ko BBIN yatanguye mu mwaka w’i 2010, muri iyo myaka ine bamaze gushiraho amashirahamwe agera kuri 90, hamwe n’ubuzi bungana 200 bumaze gutangwa. Pierre Claver abona ko amashirahamwe y’abikorera ivyabo ariyo ashobora gutanga akazi, nk’uko n’uwuserukira Ubuholande yabivuze.

Amwe mu mafoto:

JPEG - 44.4 ko
bimwe muvyari mw’ihayanishwa
JPEG - 34.4 ko
Arongoye Bid Network

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ingurane Bamaso!!!!! Mbega Ahomvye?,.... naho wizeye iki .ntimunezerererw ingurane nimba musenga nimusenge naho ubundi ingurane nigake iba amahoro.kenshi ingwati niyo iftatwa "

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.