Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo c’abarundi baba hanze coba kizanye akarusho akahe ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ikigo c’abarundi baba hanze coba kizanye akarusho akahe ?

Ikigo c’abarundi baba hanze coba kizanye akarusho akahe ?

mercredi 6 Myandagaro 2014

Ikigo cagenewe abarundi baba hanze ‘’Maison pour la Diaspora ‘’ kizofasha cane abarundi gushobora kuronka aho nabo bakorera iyo baje mu karuhuko mu gihugu c’amavukiro.

Ikigo bitiriye abarundi baba hanze (Maison pour la Diaspora) kiri mu Kigobe muri komine ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko tubimenyeshwa na Japhet Legentil arongoye rimwe mu mashirahamwe ry’abarundi baba hanze AIDBU, iciyumviro co gushinga ico kigo cavuye muco bita’’ plan Stratégique’’ yavuye mu nama yabereye i Oslo yahuza abarundi baba hanze. Abo barundi bashikirije ko bakenera iyo bakorera naho babasanga iyo bagiye mu gihugu c’amavukiro, mbere niyo bagomba kubonana n’abagwizatunga, vyarabagora kuko batari bafise aho babarizwa. Baciye barondera amashirahamwe abafata mu mugongo kugira bashike kuri uwo mugambi wo kuronka aho bakorera.

Ikindi naco, kurya abarundi bamenyereye kubaho hanze, barakenera ubuhinga butandukanye’’ appui technique ‘’iyo nyubakwa rero irimwo ibikoresho vy’ubuhinga bwa none butandukanye , yaba ibikoresho vyo gufasha abanyamAkuru babo bagiye hanze. Barafise ivyuma bitandukanye biteye imbere kugira abarundi baba hanze nabo bazokwame bamenyeshwa ibiriko bibera aho.

Ku cerekeye naho ko abatari bake bavuga ko iyo nyubakwa yoba izokwakira abarundi baba hanze bo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD –FDD , yishura ko atari benshi bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, akongera akavuga ko ata numwe abuza kuja mu mugambwe kanaka canke idini kanaka, umukuru w’ishirahamwe AIDBU yatwishuye ko ico kigo kizokwakira bose.

Tubamenyeshe ko iyo nyubakwa ifise ivyumba 12, 3 ingenzi z’abarundi bavuye hanze bafise ingorane zo kubura aho baba canke naho umurundi arino uburyo bwamuheranye. Barafise uko bazomufasha mu nyuma akabitunganya asubiye inyuma nk’uko Japhet Legentil Ndayishimiye abandanya abimenyesha. Iyo nyubakwa nyene irafise umuhora wa internet utariha, mu minsi iza hakaba hari umugambi wo gushiraho uburiro (restaurant) bariko barondera n’ubunndi buhinga bugezweho kugira umurundi azoba ari aho azokoroherezwe.


Floxella Karire

Messages

  • INGORO YUMUGAMBWE CNDD. FDD

  • Ndababwizukuri ibibintu nivyoza gose aharero bamwe ba LEONCE bacabatangura guhamagara bamwe muritwe tubahahanohanze babanwirango ntimuje muribibintu birikobirakorwa murikigihe hagitara CNDD FDD! Ikindindashaka uwombarirako radio ISANGANIRO YOBIKORA NIYABIKORA NDIBAZAKO IMASHINI YANJE NIYIFISE INGORANE NDAMAZE NKUKWEZI NTAMAKURU YAYONUMVA.

  • We sha wiyita Hano Hanze nibaza ko wibera mu Burundi ureke kuza uhenda abantu ngo uba hanze,umuntu aravye ivyo umaze imisi wandika biboneka ko uri inkandagirabitabo,iyo nzu yubatswe na nde?Iyo ni permanence ya CNDD-FDD nkuko Nimbo yabivuze aho hejuru.Ntaho utaniye na bumwe bwiyita mama,Levis nizindi mbonerakure nkawe zibona imbere y’izuru zaryo

  • Ndagarutse mwese murikomeje? nyumayokubona umuntu afashe izinaryanje akarikorerako mukwandika ivyiyumvirovyiwe vyatumwe nihumwanya ukwiye kugira nshobore gufashanya nabandi kugira nshobore kumenya iyovyazananye, ubworero nubwumwanya wabayemuto narashoboye kumenya uwakoresheje izinaryanje mugutanga ivyiyumviro vyiwe ubunaramaze kumenya igihugu aherereyemwo, ikindi vyatumye ncamenya nayandimazina asanzwe akoresha mukwandika ivyiyumvirovyiwe ninaho naciyembona ko hariho nabandi basanzwe bakoresha amazina atandukanye ariko ivyovyamazina sivyovyaribindajishinga nabibonye ndikondarondera inkomoko yuwakoresheje izinaryanje, ikindivyatumye menya itandukaniro ryabandika bakoresheje computer nabandika bakoresheje internet yi telefone ngendanywa. Ubureronaramaze kwandika amazina yose yuryamuntu yakoresheje izinaryanje kukowose twasanze atonzekumurongo umwe kugirabizoze biranyorohera kwirebere ukundu akomeza gucankabiranya akoresheje amazina atandukanye, nkabaniteguye ikindigihe ninabona asubiriye gukoresha izinaryanje nzocanshirahabona amazinayose asanzwe akoresha bishobotse nibindivyose nabonye kuriwe. ndasavye rero umuntuwese azarandika ibintu kwizinaryiwe kukoniwazi ukoyokwemanga ivyoyiyandikiye, jewe burya ndibaza nkabantu ubonamwibarabara mengo nabantu bintungane abandi ukababona bajamumashengero atandukanye maze wagiraguta bakabunda kwi computer canke itelefone bandikabavugango’ ibizuru vyanaka, ngwikijuju runaka, ngwabahutu nibijuju, ngwabatutsi nibijuju, mbere haraho usanga ivyovyose vyanditswe numuntumwe ariko agahinduranya amazinagusa, ndacaza akarinyuma karahinda.

  • wewe wiyise Claude, mbemugenzi kobidashoboka ko umuntuyongera gusubira muba uwukirimuto mbegayomahirwe yobayavuyehe yokugira jewe Mama nshobore kwongera kuba uwukirimuto nkigirananje mu Mbonerakure!? Ikindi iyonyubakwa yakijambere yoshobora kuba permanence yinkandagirabitabogute? Bizokomeza kubagora kubwira abantu ko amata aramaraso cambu cuwanditse ahantuhamwe!

  • None ga mama ivyowumvaharahobihuriye numutwe wigisomwo?ahowarikwandika umutw waw wigisomwa ahandiho birya vyamazina birakubesh nyombugomba kumutera ubwoba?arko sigaho iterabwoba niwirambire.

  • @Bazumutima, nubeshe ivyonanditse ntivyaribijanye ninkuru yanditwe gusa nashatse guhitisha ivyowabonye nanditse. Kuvyowavuzenavyo konagize iterabwoba jewe sikondabibona ahubwo uwakoresheje izinaryanje niwariterabwoba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.