Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo gikurikirana abagendana ubumuga kigiye gushirwa mu minwe (...)
Ikigo gikurikirana abagendana ubumuga kigiye gushirwa mu minwe y’abigenga
vendredi 18 Mukakaro 2014
Mu nama nshikiranganji yabaye kuva kuri uyu wa gatatu gushika kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Mukakaro, integuro y’itegeko ryiga uko ikigo gikurikirana abagendana ubumuga cizwe, iyo nayo ikaba yariko iraba ko ico kigo coguma mu minwe ya Reta canke co kwigenga.
Muri iyo nteguro yashikirijwe na muganga Sabina Ntakirutimana asanzwe ari umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, akaba yashikirije ko ibigo bikurikirana abagendana ubumuga ari bike mu Burundi, ndetse n’ibihari bikaba bifise ingorane zitari nke. Abashikiranganji bamaze kwiga ibitari bike ku karusho k’ico kigo, bakaba bumvikanye ko cokwigenga, kigashirwa mu minwe y’abikorera utwabo. Ico kigo kikaba cari cashizweho gifashwe mu mugongo n’ishirahamwo ryo mu gihugu co mu Bubirigi ryitwa :’’Association pour la Promotion de l’Education et de la Formation à l’Etranger’’ APEFE mu ncamake. Imikono yo gfashanya hagati y’iryo shirahamwe na Reta y’Uburundi ikaba yateweko umukono mu mwaka w’2012.
Gushika ubu, bivugwa ko abaganga b’ico kigo gikurikirana abafise ubumuga bari mu bitaro vyitiriwe umwami Khared mu Kamenge. Umurwi uriko urakurikirana uko ico kigo cotunganywa, ukaba washizweho, na rirya ico kigo vyemejwe ko coja mu minwe y’abigenga.
IGIHE