Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo CDIF ni kazoza k’umupira w’amaguru mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikigo CDIF ni kazoza k’umupira w’amaguru mu Burundi

Ikigo CDIF ni kazoza k’umupira w’amaguru mu Burundi

samedi 20 Mukakaro 2013

CDIF (Centre de Détection et d’initiation ou Football) caraye cakiriye umumenyereza wo muri Hollande aje kumara indwi mu Burundi. CDIF ni ikigo kijejwe kugendereza ingabirano no kumenyereza ivy’umupira w’amaguru ku bana bakiri bato. Ico kigo gihurikiwemwo n’abana b’urwaruka rufise imyaka iri hagati y’imyaka 7 gushika kuri 14, ubu bose hamwe bakaba bangana n’ijana na mirongo ibiri na batanu.

Ico kigo kikaba cashinzwe na Pierre Claver Rurakamvye batazira "Abega", asanzwe ari inararibonye, yahora arongoye umurwi wa Inter FC n’uwa ERITHE.

Ku munsi w’ejo igenekerezo rya 19 Mukakaro 2013 ku kibuga c’inkino ca EFI Nyakabiga niho umurwi wa "Intwari" w’ico kigo wakiriye umumenyereza w’umushitsi yitwa Peter Van Meerten ava mu gihugu c’Ubu Hollande aho yaje kumenyereza uyu murwi mu gihe c’indwi imwe mu ntumbero y’ubucuti bw’ugufashanya buri hagati y’imirwi yo mu Burundi n’iyo muri Hollande, nk’umurwi Armello ufise inkino zitandukanye nka Golf, Tenis n’umupira w’amaguru nyene.

Mu kiganiro umukuru w’ikigo CDIF yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko ari iteka rikomeye kubona uyu murwi wiwe washoboye kuronka uwo mumenyereza w’umu Hollande mu kiringo k’indwi kuko abona ko hazogera ko asubira inyuma amaze gufasha vyinshi abo bana mbere anigishije vyinshi abamenyereza babo ku buryo bazosigara babikora neza.

Yabandanije avuga ko icazanye uwo mumenyereza ari kugira ngo arabe ingabirano aba bana bafise kugira abone na kazoza kabo mu mupira w’amaguru.

Uwo mumenyereza w’umu Hollande ku bwiwe yamenyesheje ko akurikije ingene yabonye abo bana bakina vyamunezereje cane ku buryo abona ko mu mwaka w’2017 Uburundi buzoba bufise umurwi w’abatarengeje imyaka 18 ukomeye cane, mbere n’umurwi nserukiragihugu w’abakuze ukazokomera kuko abo bana aribo nyene kazoza. Yashikirije ko bikunze azogaruka mu kwezi kwa Kigarama uyu mwaka nyene.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.