Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikigo NGD kigiye kurihira bamwe mu banyeshure atako bifashe amahera y’ishure (...)
Ikigo NGD kigiye kurihira bamwe mu banyeshure atako bifashe amahera y’ishure ya za kaminuza
jeudi 7 Myandagaro 2014
Abanyeshure batandatu bava mu miryango itishoboye bo mu ntara zibiri z’Uburundi zahuye n’amagume ahitiye kuruta izindi, nibo bagiye kuronswa amafaranga y’ishure mu mwaka w’ishure buca utangura.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ikigo NSENGIYUMVA Global Development, uyo mugambi wo kuzorihira amafaranga y’ishure abanyeshure bagera kuri batandatu bava mu makomine ya Muhuta, Mutimbuzi, Bugarama ziri mu ntara ya Bujumbura, hamwe na Rumonge iri mu ntara ya Bururi, ukazofasha abana bava mu miryango atako yifashe. Babiri baziga mu mashure y’ubuganga, 2 muri kaminuza, 2 bazoba bashaka kugira igice ca bagatu c’amashure ya kaminuza. Abo bose bakazofashwa n’ico kigo, ku bijanye n’amafaranga y’ishure. Uwo mugambi wo gufasha abo banyeshure ukaba uri mu mugambi wa Bene Data Union ukukira ikigo NSENGIYUMVA Global Development.
Mukamenya ko ico kigo gisanzwe gifise intumbero yo gufasha mu mibano, amagara y’abantu, inkino eka no mu gisata c’indero. Muri uyu mwaka w’ishure urangiye, ico kigo kikaba caratanze ibikoresho vy’amashure ku bana bagera kw’ijana na mirongo ibiri na batanu (125) bava mu mitumba cumi n’itanu ya komine Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura. Abo bana bakaba batowe kuko bava mu miryango itishoboye biga mu mashure mato n’ayisumbuye. Umukuru w’ico kigo John Clinton Nsengiyumva, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ubu bwa vuba, bagiye gutanga ibindi bikoresho ku batishoboye barerewe mu bigo vy’impfuvyi mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Bujumbura.
Aristide Nizigire
Messages
7 Myandagaro 2014, 20:03, par Umuhutu nokunyo
Mana dutabare abahutu bawe turaryambaye muboga zumugambwe,udukureko abahutu babazugu batumuze uzoba ukoze mana yijuru nisi
9 Myandagaro 2014, 12:45, par mukobwajana
nta bahutu nta batutsi abarundi nta gihugu dukunda ahubwo twisubireko...