IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo OBR kirabeshuza ko ata biganiro na SYGECO biriko biraba

Ikigo OBR kirabeshuza ko ata biganiro na SYGECO biriko biraba

mardi 5 Munyonyo 2013

Mu kigo OBR (Office Burundaise des Recettes) kijejwe gutororokanya amakori ya Reta barahakana ko ata biganiro biriko birabahuza na sendika y’abadandaza SYGECO (Syndicat Général des Commerçants), ku kibazo c’ibitenge vy’abadandaza bakorera mw’isoko benshi bita "Kwa Siyoni" vyafashwe kuko ikigo OBR cagiriza abo badandaza ko bavyinjiza kuri magendu amakori atarishwe.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2013, umukuru wa SYGECO (Syndicat Général des Commerçants), Audace Bizabishaka yamenyesheje ko ibiganiro hagati ya OBR na SYGECO bigeze ku ntambwe ishimishije, ko kuri uno munsi wa kabiri ariho hashobora kumenyekana icavuyemwo ku kibazo c’abadandaza b’ibitenge bafatiwe ibitenge vyabo bagirizwa ko bavyinjije batabanje kuriha amakori.

Gaudence Ndayizeye wo mu gisata kijejwe amatohoza mu kigo OBR arabeshuza ayo makuru avuga ibiganiro vyoba biriko biraba hagati ya OBR na SYGECO. Kubwa Gaudence Ndayizeye, ikigo OBR n’abadandaza sibo baharira ku makori yotozwa, kuko ico ari igikorwa ca Reta. OBR ico ikora n’ukwegeranya n’ugutororokanya ayo makori ya Reta gusa. Gaudence Ndayizeye asaba abariko bavuga ibiganiro gutandukanya uguharira ku makori yorihishwa n’ugusigurira abadandaza uko boriha ayo makori. Nk’uko yabandanije abisigura, ikigo OBR kiriko gisigurira abo badandaza uko bovavanura n’ukwinjiza ibidandazwa kuri magendu batarishe ikori, kugira ntibazosubire kwitwaza ko batamenye ko bigenda.

Ndayizeye Gaudence wo mu gisata kijejwe amatohoza mu kigo OBR yibutsa abo badandaza ko umushikiranganji w’ikigega ca Reta yafashe ingingo yo kugabanya amakori kuri ivyo bitenge vyafashwe, akibutsa abo badandaza ko basigaranye iminsi cumi gusa kugira babe bamaze kuja kuriha ayo makori umwe wese bivanye n’ivyo yari yinjije. Gaudence Ndayizeye abandanya amenyesha ko abadandaza bazoshobora kwerekana ko ibidandazwa vyabo vyafashwe bitinjiye kuri magendu bazobisubizwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.