Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo Seruka catunganijwe amahiganwa ya Basketball - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Ikigo Seruka catunganijwe amahiganwa ya Basketball

Ikigo Seruka catunganijwe amahiganwa ya Basketball

jeudi 5 Nyakanga 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryatunganije ihiganwa riza gutangura ku muhingamo wo kuri uno munsi kuwa kane ku kibuga ca Parquet, ihiganwa rihuza amakaminuza yo mu Burundi.

Ku rutonde rw’ingene bahava bahiganwa, Université Sagesse d’Afrique ihava ihura na Université Lumière de Bujumbura. Muri uwo mwanya nyene, Université Espoir d’Afrique izoba iriko ikina na Kaminuza ya gisirikare ISCAM. Abahava batsinda muri izo nkino z’uno munsi nibo bazoca bahura mu rukino rwa nyuma ruzoba ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 6 Nyakanga 2013.

Mu nkino z’umupira w’amaboko nyene "Basketball", harategekanijwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Nyakanga 2013, inkino zo guhimbaza imyaka cumi ikigo Seruka kimaze cakira abafatwa ku nguvu.

Ku rutonde rw’ingene bazokina, ku ruhande rw’abigeme, kw’isaha umunani BERCO STAR izokina naLes COPINES ku kibuga co mu Gikungu. Umurwi LES GAZELLES ukaba urindiriye umurwi uzotsinda muri urwo rukino kugira ube ariwo bazoca bakina urukino rwa nyuma.

Ku ruhande rw’abagabo, kw’isaha icenda, URUNANI ruzokina na MUZINGA, hama kw’isaha icenda naho NEW STAR ikine na KERN ku kibuga co mu Gikungu. Urukino rwa nyuma ruzoca rukinwa bukeye ku munsi wa mungu igenekerezo rya 8 Myandagaro 2013 ku kibuga ca Département des sports.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.