Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA ryatunganije inyigisho ku bakenyezi (...)
Ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA ryatunganije inyigisho ku bakenyezi baserukira abandi
mercredi 8 Rusama 2013
Mu biharuro bishirwa ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS, abakenyezi batari bake barahitanwa n’imbanyi iyo bariko baribaruka. Ibice mirongo icende n’icenda kw’ijana vyabo bahitanwa n’imbanyi bakaba bava mu bihugu kikiri mu nzira y’amajambere.
- Abakenyezi batowe kugira ngo barongore ihuriro ry’igihugu ry’abakenyezi hamwe n’amashirahamwe y’abakenyezi ku rwego rw’igihugu.
Ni muri iyo ntumbero ikigo mpuzamakungu kijejwe irwirirana ry’abantu UNFPA catunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 Rusama 2013, muri Hotel Source du Nil inyigisho ziza gutangwa n’abahinga b’abaganga batandukanye, ku batowe ngo barongore ihuriro ry’igihugu ry’abakenyezi hamwe n’amashirahamwe y’abakenyezi ku rwego rw’igihugu.
Muri izo nyigisho, abatumiwe baza kurabira hamwe icokorwa kugira igitigiri c’abavyeyi bitaba Imana bariko baribaruka kigabanuke, ivyo navyo bikaba biva ahanini ku ngovyi iba yaremeye ahatariho, ubumenyi buke ku rondoka rijanye n’amagara meza, ukubaho neza kw’abakenyezi kutubahirizwa, uruvyaro rw’umurengera, gufungura nabi ku mukenyezi yibungenze, bigatuma amaraso akama, abakenyezi badafise aho bikora kuko amikoro yabo aba ari make cane.
- Umuhinga
Mu gihe atawoshobora gukinga ayo mananiza yose, kaza kuba akaryo ku bakenyezi ko guhanahana ivyiyumviro ingene bokwiteza imbere muvy’imibano. Kaza kuba n’akanya ko gushinga intahe kubamaze gukoresha uburyo bwo kurondoka ku rugero.
Inyuma y’ibikorwa bihava bikorerwa mu mirwi, haraza gushingwa abaserukira abandi mu mirwi y’intara zose zigize igihugu. Umurwi wose uraza kwitegurira ikirangamisi c’ibizorangurwa mw’ihangiro ryo gushika ku rondoka rijanye n’amagara meza hamwe no gukinga irwirirana ry’abantu.
Baraza kandi guhanahana ivyiyumviro ku kamaro k’irondoka rijanye n’amagara meza nko gukingira abasama imbanyi hataragera, gukinga kuvyara intahekana kuko kenshi bigaragara ko ibihimba vy’umuvyeyi bitaba biritegurira kwakira iyindi mbanyi, abakenyezi bavyara bageze ku myaka irenze( hejuru ya mirongo itatu n’itanu).
- Abakenyezi batandukanye munzego z’igihugu bari batumiwe
Egide Nduwimana
Messages
8 Rusama 2013, 09:33, par didier
Mu bihugu biteye imbere vyaragaragaye ko iterambere ryÃgihugu rihera kuryábakenyezi. Leta yÚburundi ikwiye gushira inguvu nyinshi ku migambi y’iterambere kuko umurundikazi yarasinzikaye cane. Harya iyo mubabona bagenda batwenga baba bafise agahinda kenshi kuko mu ngo zabo nta munezero kenshi bahakura. abagabo babo babaha amahera yÃntica ntikize ariko bakiyungunganya umuryango ukaronka ivyo ufungura, kandi ngaho uca usanga ikigabo kiriko cirira za brochette na amstel mu kabare nticibuke ko nábana bataronse ico barya. Hama umgore agize ngo araganyira abandi bagaca bamubwira ngo: "Niko zubakwa" Abagifise abavyeyi babo ni bababwire bati "maman ndagukunda cane" kuko iyo atari hafi niho ubona ko umukenyezi ari ngirakamaro mu rugo. Ivyo mwobibaza umwana yakuze ari impfuvyi niwe yobacira agace
8 Rusama 2013, 09:39, par yvan
Didier je suis dáccord avec ivyo uvuze! Urazi ingene jewe personnellement maman yabaye kirumara mu muryango. Papa wanje ni umuntu atanakimwe yitaho, ariko maman yaragerageza tukabaho akoresheje duke yaronse, papa nawe ari kwinywera icupa. Ibaze rero iyo maman aba afise akazi keza nka papa, ubu nanje mba narabandanije amashure nkábandi. "Maman ndagukunda"
8 Rusama 2013, 09:42, par clairia
"Maman ndagukunda’
8 Rusama 2013, 09:47, par Nadia
Je t’aime maman
9 Rusama 2013, 01:59, par Close
Ndagukunda maman Africa