Accueil > Ubuhinga bwa none > Ikinyamakuru IGIHE cashize ahabona ubuhinga bushasha bwa Android
Ikinyamakuru IGIHE cashize ahabona ubuhinga bushasha bwa Android
lundi 13 Nzero 2014
Ikinyamakuru IGIHE cashize ahagaragara ubuhinga bushasha bwo gutanga amakuru, ku bantu bafise ngendanwa zo mu bwoko bwa Smartphone canke Tablet, ubuhinga bwa Android mu gusoma amakuru atangwa n’ico kinyamakuru kiri ku buhinga ngurukanabumenyi, mu ndimi zine arizo :’’Ikirundi, Ikinyarwanda, Igifaransa hamwe n’Icongereza’’.
Ikinyamakuru IGIHE kikaba arI ico cambere gitanguye gushira ahagaragara ubwo buhinga bwo mu bwoko bwa Android muri iki gihe. Ubwo buhinga buboneka kuri Google Play canke ku rwego mpuzamakungu rw’ishirahamwe ry’abanyamerika Google Inc. Imbere y’uko ikinyamakuru IGIHE gishira ahabona ubwo buhinga bushasha, hari ubundi buhinga bwakoreshejwe mu gihugu c’Urwanda na IGIHE.com ku wa 30 Ndamukiza umwaka w’2012, aho abantu 3002 baciye babukunda baba abanywanyi babwo.
Ku bijanye n’ubwo buhinga nyene, twobamenyesha ko umuntu wese aronka amakuru mu bisata vyose akunda. Haba amakuru ya poritike yo mu bihugu vyanyu, mu karere eka no mu makungu canke ay’ubutunzi, inkino, imico kama, utuntu n’utundi, n’ibindi. Iyo muri ibi bisata hari ico ukunda, uragishira imbere, maze ukwo wuguruye ngendanwa yawe, inkuru zo mu gisata cawe zigaheza zikaza imbere y’izindi. Ikindi kandi, ni ukwo ushobora ndetse n’ukwitorera ururimi mu ndimi zine zandikwamwo amakuru n’ikinyamakuru IGIHE, urwo narwo akaba ari rwo wama wironkeramwo amakuru gusa.
Tukaba twobamenyesha kandi ko mu gihe uciye muri Google Play ukandika ijambo IGIHE, uca utangura kubona amakuru ya IGIHE. Ayandi makuru y’ikinyamakuru IGIHE mukaba mushobora kuyasanga ku muhora wanyu wa Facebook https://www.facebook.com/IgiheKirundi mu gihe musanzwe muri abagenzi b’ikinyamakuru IGIHE.
Aristide Nizigire
Messages
13 Nzero 2014, 16:24, par Bigirimana diego
Turabashimiye kukuntu muteza ubuhnga imbere mubandanye muteza imbere igihugu!
14 Nzero 2014, 09:29, par Cubahiro yves pilote
Félicitations vraiment
14 Nzero 2014, 17:45, par kabura E mmanuel
Ma grande felicitation et satisfaction a mon journal prefere’’ IGIHE’’ ;I don’t hide my smiling on my lips.
15 Nzero 2014, 09:20, par IRAMBONA eric
murakoze gose kutumenyesha ubwo buhinga bushasha!none kubafise phone za techno nta android nabo bocako?ok mrci
2 Ruhuhuma 2014, 21:24, par Dison
izoza ryari ga nani ko ndayishaka
9 Ruheshi 2014, 11:25, par george
turabekengurukiye kukuntu mudahengesha kutumenyesha ivyotutegereye