IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano n’urwego CNC

Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano n’urwego CNC

vendredi 31 Rusama 2013

Ikinyamakuru “IWACU”cafatiwe igihano n’umurwi w’igihugu ugenzura itangazamakuru mu Burundi , kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2013 co kudasubira kwandika ivyiyumviro ku nkuru zisohowe n’ico kinyamakuru.

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwateweko umukono n’umukuru w’urwego CNC, Pierre Bambasi, ico gihano kikaba cafatiwe ikibanza abasomyi bahora bandikamwo ivyiyumviro, bakaba bazomara imisi mirongo itatu batemeje iciyumviro kija ku muhora ngurukanabumenyi w’ikinyamakuru IWACU, hisunzwe ibwirizwa nshingiro ry’igihugu n’itegeko nimero 1 /025 ryo kuwa 27 Munyonyo 2003 rigenga itangazamakuru mu Burundi.

Urwego CNC rukaba rwagiriza ikinyamakuru IWACU kuba ivyiyumviro bitandukanye vyanditswe kuri ico kinyamakuru kw’igenekerezo rya 28 na 29 Rusama 2013 vyahonyanze amategeko y’ingingo ya 10 na 50 agenga itangazamakuru. Ivyo vyiyumviro vyanditswe bigatyoza umukuru w’igihugu c’Uburundi, no kudurumbanya umutekano w’abanyagihugu.

Urwo rwandiko rukaba kandi runegura ko ivyiyumviro vyanditswe kuri ico kinyamakuru nyene, kw’igenekerezo rya 27 Rusama 2013 bityoza inzego z’igihugu bikanarenga akarimbi ku mategeko y’itangazamakuru. Cabaye kirahagarikwa ku kiringo c’iminsi 30 gushika umurwi w’igihugu ugenzura itangazamakuru utange uruhusha rwo gusubira gukora.

Umukuru w’urwego CNC rugenzura itangazamakuru mu Burundi, Pierre Bambasi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yaboneyeho n’akaryo ko kugabisha n’ibindi binyamakuru ko vyokwisuzuma, ibitariyandikisha navyo vyimenyekanishe mu maguru masha.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.