Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikinyamakuru "The ServiceMag" cahagaritse gukorera mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ikinyamakuru "The ServiceMag" cahagaritse gukorera mu Burundi

Ikinyamakuru "The ServiceMag" cahagaritse gukorera mu Burundi

jeudi 2 Ndamukiza 2015

Ikinyamakuru "The ServiceMag" cahora gikora mu nyigisho zo gufata neza abitura amashirahamwe canke amahinguriro mu Burundi catangaje ko kigiye kwugara burundu mu Burundi inyuma y’umwaka umwe gusa.

Sandra Idossou, umukuru w'ikinyamakuru "The ServiceMag" ariko avuga ijambo cugururwa

Sandra Idossou yari arongoye ikinyamakuru "The ServiceMag" mu Burundi ahejeje gutangaza ko ico kinyamakuru kigiye guhagarika burundu gukorera mu Burundi. Insiguro atanga kw’iyugara ry’ico kinyamakuru ari uko yabuze inzego z’igihugu zimufata mu mugongo. Sandra yanditse ati : " Sinidogera urugendo nagize mu Burundi naho rwari rugoye ariko ruryoshe. Uburundi buzoguma ku mutima wanje iminsi yose, naho urugendo rwanje rwaguye mu kinogo c’ubukene n’ukubura inzego z’igihugu zimfasha".

Tubibutse ko ikinyamakuru "The ServiceMag" catangujwe mu Burundi kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2014 kirongowe na Sandra Idossou. Caje mu Burundi kimaze imyaka 4 gikorera mu Rwanda aho bivugwa ko gikundwa cane. Cahora gisohoka rimwe mu meze 3 kandi kigatangwa ku buntu. Cari cishinze gukorana n’amashirahamwe, amahinguriro, hamwe n’ubundi buzi ku bijanye no kwakira abakiriya neza (custom-care).

Igihe catanguzwa icese mu Burundi, abagwizatunga bari mu birori vyabereye muri Roca Golf Hotel, baremeza ko iyakirwa ry’abanywanyi (clients) rikiri inyuma cane. Ivyo vyatanga icizere ko "The ServiceMag" kigiye kuzana impinduka.

Aha munsi murabona ikinyamakuru ca nyuma ca "The Servicemag" kigiye gusohoka


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.