Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi binjije amafaranga menshi mu mwaka w’2014 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Abaririmvyi binjije amafaranga menshi mu mwaka w’2014

Abaririmvyi binjije amafaranga menshi mu mwaka w’2014

vendredi 21 Munyonyo 2014

Ikinyamakuru Time co muri Amerika carakoze urutonde rw’abaririmvyi baronse amahera menshi biciye k’umurongo wa Spotify aho indirimbo z’abo baririmvyi zagiye ziravuzwa. Babiharura baravye incuro ururirimbo rwumvirijwe n’amahera yinjiye.

JPEG - 95 ko
umuririmvyikazi Taylor Swift

Kuri urwo rutonde, umuririmvyikazi n’umukinyi w’amareresi Taylor Alison Swift w’imyaka 24 niwe aza ubwa mbere. Bivuye ku ruririmbo"Shake It Off" rwumvirijwe incuro imiriyoni 46,3, ivyo vyatumye aronka hagati y’imiriyoni 280.000 na 390.000 z’amadorari yoba ashika imiriyoni 500 y’amarundi.

Uwuza ubwa kabiri kuri urwo rutonde ni Calvin Harris avuka muri Ecosse. Ururirimbo rwiwe "Summer" rwatumye yinjiza hagati y’umuriyoni 1,2 na 1,7 y’amadorari. Urwo ruririmbo rwumvirijwe incuro 20,3.

Abaririmvyi bacu bokwiga nabo ukuntu indirimbo zabo zashirwa ku rwego rwo hejuru aho zishobora kugurishwa amahera menshi, borahura ubumenyi bakamenya iyo mihora ikomeye nka "Spotify".

JPEG - 57.1 ko
Calvin Harris

Urutonde rwakozwe mu kwezi kwa Gitugutu 2014

1) Shake It Off - Taylor Swift

2) Blame - Calvin Harris

3) All About That Bass - Meghan Trainor

4) Bang Bang - Jessie J

5) Break Free - Ariana Grande

6) Animals - Maroon 5

7) Chandelier - Sia

8) Stay With Me - Sam Smith

9) Rude - MAGIC!

10) Maps - Maroon 5

11) Black Widow - Iggy Azalea

12) Superheroes - The Script

13) The Days - Avicii

14) I’m Not The Only One - Sam Smith

15) Am I Wrong - Nico & Vinz

16) Shower - Becky G

17) Rather Be - feat. Jess Glynne

18) Cool Kids - Echosmith

19) Riptide - Vance Joy

20) Don’t - Ed Sheeran


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.