Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikirangaminsi c’inkino za CAN 2015 cashizwe ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikirangaminsi c’inkino za CAN 2015 cashizwe ahabona

Ikirangaminsi c’inkino za CAN 2015 cashizwe ahabona

mardi 28 Nzero 2014

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (Confédération Africaine de Football) ryatangaje uko amahiganwa y’ikurakuranamawo mu kwitegurira inkino za CAN y’umwaka w’i 2015. Ikirangaminsi c’inkino nyezina camaze gushirwa ku mugaragaro.

Mu gihugu ca Maroc kiri mu buraruko bwa Afrika niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Afrika «Confédération africaine de football CAF» ryatoye ko hazobera inkino za CAN umwaka w’2015. Kuva kw’igenekerezo rya 17 Nzero 2015 gushika kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma uwo mwaka nyene, mu bisagara 4 : Rabat, Agadir, Tanger na Marrakech vyo muri Maroc niho izo nkino zizobera.

Ibihugu 51 vyo muri Afrika nivyo vyamaze kwiyandikisha kuzokwitaba inkino z’ikurakuranamawo «Éliminatoires». Igisata ntangazamakuru ca CAF catangaje ko gutora uko imirwi izohura bizobera muri Egypte kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2014, mu gisagara ca Caire. Ico gisata ca CAF kibandanya kimenyesha ko amatsinda 7 arimwo imirwi 4 ariyo azova mu matora azogirwa n’iryo shirahamwe. Imirwi ibiri izoba iya mbere mw’itsinda izoca ihabwa uburenganzira burundu bwo kuja mu nkino za CAN.

Amagenekerezo akomakomeye y’integuro z’inkino za CAN 2015 :

Amatora y’ikurakuranamwo : 27 Ndamukiza 2014

Inkino z’intangamarara : Hagati y’ukwezi kwa Rusama na Myandagaro 2014

Ikiringo c’ ikurakuranamwo : kuva kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga gushika 19 Munyonyo 2014

Itora rya nyuma : 26 Munyonyo 2014

Inkino za CAN 2015 : kuva kw’igenekerezo rya 17 Nzero gushika 7 Ruhuhuma 2015


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.