Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiyaga Tanganyika ntigifashwe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ikiyaga Tanganyika ntigifashwe neza

Ikiyaga Tanganyika ntigifashwe neza

lundi 27 Rusama 2013

Ikiyaga ca Tanganyika ntigifashwe neza nk’uko abantu batandukanye babivuga, canke abagikurikirana haba abari mu mashirahamwe abungabunga ibidukikije canke abakunzi baco, ivyo bikagaragarira ku bikorwa bihabera haba ku murango canke bugorovye.

Haba ababa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika canke ababa mu makatariye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura eka ndetse n’abanyamahanga baba mu gihugu c’Uburundi, bose baremeza ubwiza bw’ikiyaga ca Tanganyika, kandi bose bagahuriza ku kintu kimwe ko ico kiyaga kidakingiwe kandi kidafashwe neza nk’ uko vyategerezwa, baravye imyanda imwe imwe icisukamwo, ugasanga ndetse yonona n’ibinyabuzima biba mu kiyaga hagati.

Mu bibanza vyinshi vyo kuruhukiramwo bigize ikiyaga ca Tanganyika, ikibanza kiri hafi y’ikivuko ca Bujumbura iruhande gato y’ihoteri yitiriwe ico kiyaga, ndetse ari naho hagandaguriwe uwarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, Umuganwa Ludoviko Rwagasore, ico kibanza gifashwe nabi cane ku buryo usanga hagati mu kiyaga huzuye ibisigariira vy’amacupa adandazwamwo amazi ya kinju canke ubundi bwoko bw’amazi butandukanye, ubumwanyi, hamwe n’ubundi bwoko bw’imyanda.

Ico kibanza rero, kikaba arico gikundwa n’abantu batandukanye yaba abatunzi canke ababayabaye, aho uhasanga abo bose baje kuhasamira akayaga. Muri ico kibanza, uhasanga abandaza amazi, amafanta, n’ibindi bidandazwa bitandukanye. Ico kibanza kandi nico abubatse ingo zabo (abageni), baza gufatiramwo amafoto.

Abakurikiranira hafi ico kibanza, bavuga ko hamwe cofatwa neza, coshobora naco nyene kwinjiriza igihugu amafaranga y’agaciro nk’ibindi bibanza vy’iratiro, kuko ingenzi zoheza zikahahurumbira na rirya imvubu ku mugoroba usanga ziriko zirikina amatavu, kandi kikaba ari ikibanza cegereye ahiciwe uwarondereye intahe yo kwikira Uburundi, kikaba kandi cegereye igisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.