Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikiza ca Ebola catandukiriye uburengero bwa Afrika
Ikiza ca Ebola catandukiriye uburengero bwa Afrika
samedi 26 Mukakaro 2014
Ikiza ca ebola kimaze iminsi cateye mu burengero bwa Afrika, kimaze gushikira umurwa mukuru w’igihugu ca Sierra Leone, ariwo Freetown.
Amakuru atangwa n’abariko barakurikirana ico kibazo amenyesha ko ico kiza kimaze guhitana abantu baharurwa mu 660 muri bihugu vya Guinee, Liberiya na Sierra Leone, bikavugwa ko n’igihugu ca Nigeria coba camaze gutandukirwa. Kugira batangure kwikeka ko ico kiza coba catandukiriye n’igihugu ca Nigeria, muri ico gihugu hari umunyaliberia yapfuye akiriko arapimwa icoba camuteye gutakaza amaraso menshi hamwe n’ubushuhe, aca acikanira mu bitaro. Ibipimo vyiwe ntibiraboneka kugira bemeze ko yahitanwe na Ebola.
Ku murwa mukuru wa Sierra Leone, ariwo Freetown, abategetsi bagabishije, bakavuga ko hari umukenyezi w’imyaka 32 yasuzumwe uwo mugera, yavanywe aho yari asanzwe ariko aravurirwa mu bitaro. Abajejwe intwaro baragerageje gukwiragiza ubutumwa ku nsamirizi, nk’imburi ku bari mu gisagara bose ko hari impungenge ko uwo murwayi ashobora kwanduza abandi, abanyagihugu bagasabwa kumenyesha abajejwe intwaro aho uwo muntu yatashe arwariye, kugira bamukurikirane ntiyanduze abandi.
Egide NDUWIMANA
Messages
26 Mukakaro 2014, 11:46, par Djuma
iyingwara mbona ari igihano cimana twebwe abantu dukwiye guhindira ingendo tukava muvyaha murakoze