Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikiza ca Ebola nticorohereza inkino z’imyiteguro ya CAN 2015
Ikiza ca Ebola nticorohereza inkino z’imyiteguro ya CAN 2015
vendredi 5 Nyakanga 2014
Ikiza ca Ebola kigisibije mu bihugu vy’uburengero bwa Afrika kiriko gituma inkino z’ikurakuranamwo z’ihiganwa rya CAN 2015 zitagenda neza. Abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Congo bari basavye ko ikibanza c’urukino rubahuza na Nigeriya cokwungurizwa ahandi kubera Ebola igisibije muri Nigeriya.
Mu gihe hatanguye inkino z’ikurakuranamwo mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika CAN 2015, urukino ruzohuza igihugu ca Congo Kinshasa na Nigeriya rurateye ubwoba abarorerezi n’abakinyi ba Congo kubera ikiza ca Ebola. Abajejwe inkino muri Congo bari batakamvye ko igisagara ca Calabar kizoberamwo urukino cohindurwa, ariko vyaranse. Ivyo babisaba kubera igisagara ca Calabar kiri ku birometero 150 vy’igisagara ca Port Harcourt, aho abantu babiri bamaze kwicwa na Ebola, ni ivyo birometero nyene n’umurwa mukuru Lagos hamaze gupfa abantu indwi.
Gushika ubu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ntirirahindura integuro y’inkino z’ikurakuranamwo, yaba amasaha canke ibibanza.
Naho batahinduye ikibanza, hafashwe ingingo ko abantu bose bazokwinjira mu kibuga basabwa kubanza kugirisha ibipimo vya Ebola. Urukino ruzoba aho bukera kw’igenekerezo rya 06 Nyakanga.
Cherif Nkeshimana
Messages
6 Nyakanga 2014, 16:23, par Kosora
Nigeria ntizagukina na Congo Kinshasa . Irakina na Congo Brazzaville.