Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiziga c’umugabo catowe muri Komine Musaga
Ikiziga c’umugabo catowe muri Komine Musaga
mardi 5 Munyonyo 2013
Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gitondo c’uwu wa kabiri igenekerezo rya 05 Munyonyo 2013. Ico kiziga cari nko ku metero 200 y’ubwinjiriro bw’I kambi ya gisirikare “Camp Muha”. Vyaboneka ko yoba yagonzwe n’imodoka naho atawemeza ayo makuru kandi n’imodoka itigeze imenyekana.
Amakuru twakuye ahari ico kiziga, amenyesha ko, nko kuva igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo cari aho. Ayo makuru abandanya amenyesha ko uwo muhisi yari yateramiye mu bunywero buri kw’ibarabara rya mbere muri Komine Musaga. Aho twahashika isaha zitatu z’igitondo ico kiziga cari gipfukishijwe agatambara mu mutwe.
Twahavuye tumenya ko uwo yasezeye isi yari Nsabimana Celestin batazira Rusake, avuka mu Ntara ya Bururi, Komine Mugamba, umusozi Ndongeburasira, Agacimbiri Kavumu. Yari muri bamwe bakora mu gisirikare bita « Travailleur Civile Militarise(TCM) », akaba yakora mw’ikambi yo mu Ngagara.
Igihe c’isaha z’itatu n’iminota mirongo ibiri n’indwi (9h 27) , haciye haza imodoka ya gisirikare ifise inomero A 017A FD, yarimwo uburengeti. Tubajije umwe mu basirikare bayijemwo yatubwiye ko uwo yari umukozi w’igisirikare c’Uburundi ko rero bamutwaye mu buruhukiro bw’ibitaro vy’abasirikare “Hopital Militaire”vyo mu Kamenge.
Abaraho batumenyesheje ko uwurongoye “quartier”Musaga yoba yashitse ahari ico kiziga, eka na Musitanteri ari kumwe n’abajejwe umutekano bahashitse ariko ntaco bakoze kugira ico kiziga kivanwe aho.
Nsabimana asize umukenyezi n’abana bane.
Cherif Nkeshimana
Messages
5 Munyonyo 2013, 04:06, par ko
dommage!!! birababaje nukuri
5 Munyonyo 2013, 06:05, par jij
Ababarundi! imana yabavuyeho. ntago mugisenga , mwaravangiwe, ntimwabimenya. satani yarabinjiriye. mumurwanye.azatsidwa
5 Munyonyo 2013, 08:33, par mi
abicanyi gusa,,,ndababaye!!
5 Munyonyo 2013, 11:37, par Esron
Ewe Burundi usigaye uri cinyamashwa mana garukira Uburundi yo!!
5 Munyonyo 2013, 13:42, par Smill
Kuki amatohoza adakora bamye icamwishe ewe burundi bwacu urakwiye kugarukirwa,pe nagahinda
5 Munyonyo 2013, 13:42, par Smill
Kuki amatohoza adakora bamye icamwishe ewe burundi bwacu urakwiye kugarukirwa,pe nagahinda
17 Rusama 2016, 04:30, par Thérence.cimbizigasebeyi,bubanza
Présidentbagazayarintwari.Uburundiburabuze
20 Myandagaro 2017, 19:03, par Jean
jewe mbon bokora amatohoza kubagenz bagendana kuk ikware yicwa numurerets