Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD ryitezwe i Gitega - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD ryitezwe i Gitega

Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD ryitezwe i Gitega

jeudi 18 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ritegekanijwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2016, mu ntara ya Gitega, kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo.

Iryo koraniro ryari ryabaye ubwa mbere ku magenekerezo ya 18 na 19 Ruheshi 2016 mu ntara ya Ngozi, rikaba ryari ryungururijwe ku rindi sango ritari bwamenyeshwe.

Muri iyo ncuro ya mbere y’iryo koraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD i Ngozi, ryasozerewe hadatowe uwugiye gusubirira Pascal NYABENDA yahora aramutswa uwo mugambwe, nk’uko vyari vyavuzwe. Amatora y’indongozi nshasha za CNDD FDD akaba ategekanijwe kuri uwu wa gatandatu.

Amakuru ataremezwa n’uburongozi bwa CNDD FDD avuga ko ico kiringo catanzwe kugira bahe umwanya umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wo kwemeza amategeko mashasha agenga uwo mugambwe yashizweho muri iryo koraniro. Amwe muri ayo mategeko mashasha akaba ari ukwemeza ko uwo mugambwe utwarwa n’umunyamabanga mukuru, uwo nawe akaba ari umukuru w’inararibonye z’uwo mugambwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.