Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ile Reunion:Ibindi bisigarira vy’indege MH 370 vyatowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ile Reunion:Ibindi bisigarira vy’indege MH 370 vyatowe

Ile Reunion:Ibindi bisigarira vy’indege MH 370 vyatowe

lundi 3 Myandagaro 2015

Inyuma y’iminsi ine gusa hatowe igisigarira c’indege MH-370,igipolisi kivuga ko hatowe ibindi bimanyu vy’indege mw’izinga rya Reunion riri mw’ibahari Indiana.

Ivyo bimanyu vyatowe ahantu ku nkengera z’ibahari,ahari umusenyi, ahatowe igice c’ibaba gishobora kuba ari ic’indege yaburiwe irengero y’ikompanyi Malaysia Air.

Ariko abajejwe intwaro bavuga ko bidafatwa nk’ibimenyetso, kandi ntibizorungikwa mu gihugu c’Ubufaransa kugira vyihwezwe, nk’uko vyakozwe ku vyatowe kuwa gatatu.
Ikimanyu gishasha catowe kiriko ivyandiko vy’igishinwa hagashobora kuba hariko n’ivyerekana inzira.

Umushikiranganji wa Malaysia ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu yavuze ko igice c’ibaba catowe vyemejwe ko ari ic’indege yo mu bwoko Boeing 777, ubwoko bumwe n’ubwa MH370 yaburiwe irengero.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.